Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FRODEBU ntushima intambwe Uburundi bugezeko muvy’ intwaro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FRODEBU ntushima intambwe Uburundi bugezeko muvy’ intwaro (...)

Umugambwe FRODEBU ntushima intambwe Uburundi bugezeko muvy’ intwaro rusangi

vendredi 1er juin 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018 aho bibuka imyaka 25 iheze hatsinze intwaro rusangi,icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko intwaro itubakiye ku nyungu no kubushake bw’abanyagihugu itaba ikibaye intwaro rusangi.

Muri ico kiganiro, Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko ikibazo kiri mu gihugu atari amategeko, ariko ko ingorane ihagaze ku bajejwe kuyashira mu ngiro, kuko bashira mu ngiro ivyo biyumviriye bishakira inyungu zabo.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati : “Ikibazo si amategeko, ikibazo n’abayashira mu ngiro,bashira mu ngiro ivyo biyumviriye,tudatahuye ko igihugu cubakirwa ku nyungu z’abanyagihugu n’abatwara muri rusangi ingorane zizogumaho.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze kandi ko ino myaka 25 irangiye habaye intsinzi y’intwaro rusangi, ari akaryo ko kuraba ivyagoranye kugira barabe uko hokubakwa kazoza keza k’igihugu.

Leonce NGENDAKUMANA asaba Reta hamwe n’abatavugarumwe nayo gutahura ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene izotorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu .

Mu mugambwe FRODEBU basaba kandi ko hoshingwa ishureryigisha ibijanye n’intwaro rusangi uko iba yubatse na cane cane mu kwigisha abakiri bato kugira ibitashitsweko mu myaka iheze bishobore gushirwako n’urwo rwaruka.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • AHO UVUGUZUKURI NGO ITWARO ITUBAKIYE KUNYUNGU NOKUBUSHAKE BWABANYAGIHUGU KO ITABA IKIBAYEITWORO RUSANGI. WONGEYEKANDI NGO IKIBAZO SI AMATEGEKO NABAYASHIRA MUNGIRO. MURABO BOTEGEREJWE KUYASHIRA MUNGIRO BAKANAYUBAHIRIZA URI MWO. IKIBABAJE URI MUBADUHAMAG ARIYE KUJA GUTURIRIRA AMAPINE MWIBARABARA KANDI AMATEGEKO YARATOMOYE.ZURIKUBITA AGASHI.TWEBWE TURABAGABO BABUSHITSE NTITUZEMERA GUTERWA AMAZIRANTOKE NKAYO MWATEWE MUTWARA.ABAZOVYIYUM VIRA BOSE TUZOBAVUGUTIRA UMUTI.

  • Mbega komuvuga ikibazo cabanyagihugu nimuvuge ivyanyu ubu namahoro ibiganiro muvuga muzobigire hagati mugihugu apana Arusha muzotusange kukivi kugatumba. muturekere Ibwirizwa shingiro twitoreye ryavuye mubiganiro mubize na batize turaryemeza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.