Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe KAZE FDD woba ugira ucikemwo amashami - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe KAZE FDD woba ugira ucikemwo amashami

Umugambwe KAZE FDD woba ugira ucikemwo amashami

samedi 17 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iryo koraniro ryatumweko na Generose NAHIMANA, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, ariko atemewe na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE avuga ariwe aramutswa uwo mugambwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe KAZE FDD riterwako umukono na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE, bavuga ko uwo Generose NAHIMANA yahoze ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yahagaritswemuri ayo mabanga, kandi ko n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwabimenyeshejwe. Muri iryo tangazo bakavuga ko batangazwa n’ukubona ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaremereye uwo Generose NAHIMANA ko yotunganya iryo koraniro Kaminuza.

Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE yagiriza ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko bufise intumbere y’ugucamwo amashami abiri uwo mugambwe, akavuga ko afise n’ivyemeza.

JPEG - 26.4 ko
Jean Bosco NDAYIKENGURUkiye, umukuru w’umugambwe KAZE FDD

Muri iryo tangazo, Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE asozera amenyesha ko ataza kwemera ibiza kuva muri iryo koraniro Kaminuza.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.