Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD umenyesha ko utazokwitaba ibiganiro vyatumweko i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD umenyesha ko utazokwitaba ibiganiro vyatumweko i (...)

Umugambwe MSD umenyesha ko utazokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

mardi 21 novembre 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umugambwe MSD ryo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017, uwo mugambwe umenyesha ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe yaronse ubutumire burungitswe n’umufasha w’umuhuza William Benjamin Mkapa, kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2017.

Naho ubutumire bwabashikiriye, umugambwe MSD umenyesha ko kubera ushigikiye akamo k’urunani CNARED-Giriteka uwo mugambwe usanzwe urimwo ko kutitaba ibiganiro, umunyamabanga mukuru w’umugambwe Francois NYOMOYA yamenyesheje kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017 ko atazokwitaba ubutumire.

Muri iryo tangazo,umugambwe MSD wibutsa ko wamye ushira imbere ibiganiro nk’umuti nyawo wo gukura Uburundi mu ngorane burimwo kuva mu mwaka wa 2017,ivyo ukabimenyesha wisunze ko wanashize ahabona urupapuro rw’inzira rwerekana uko ibiganiro vyofata inzira irashe ishikana ku mahoro arama.

Umugambwe MSD ukamenyesha ko inyuma y’ibiganiro vyatunganijwe ku ncuro ya gatatu, kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017, waneguye ivyabivuyemwo, kuko umuhuza asa naho yahejeje ibiganiro bitaratangura.

JPEG - 50.6 ko
Francois NYOMOYA,umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD

Umugambwe MSD umenyesha ko ugihagaze ku biganiro, kandi ukemeza ko ufise ishaka ryo kwitaba ibiganiro biteguwe mu buhinga buzwi kandi bwemewe hose na bose, mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.