Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe RANAC uvuga ko ibizoshikira Domisiyano NDAYIZEYE bizobazwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RANAC uvuga ko ibizoshikira Domisiyano NDAYIZEYE bizobazwa (...)

Umugambwe RANAC uvuga ko ibizoshikira Domisiyano NDAYIZEYE bizobazwa Sylvestre NDAYIZEYE

vendredi 28 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mugambwe RANAC bavuga ko nk’umunywanyi wa RANAC, akaba n’uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE afise uburenganzira bw’ugushikiriza ico yiyumvira ku buzima bw’igihugu. Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC akabona ko uwo mukenguzamateka atoca azira ivyo yashikirije.

"Umushingamateka NDAYIZEYE Sylvestre azotegerezwa kwishura ku gahanga kiwe igihe umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yogira ingorane, haba mu muryango wiwe, abagenzi biwe, canke abo bagendana, kubera yarabivuze."

Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko umugambwe CNDD FDD udakeneye impanuro uhabwa n’uwo yahoze arongoye Uburundi. Yamugabishije avuga ati : "Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe."

JPEG - 75.3 ko
Sylvestre NDAYIZEYE, umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD

Ku mpanuro uwo yahoze arongoye Uburundi yari yahaye Imbonerakure za CNDD FDD, uwuziserukira Sylvestre NDAYIZEYE yamubwiye ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko nta mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Umunyeporitike Tasiyano SIBOMANA amenyesha ko ivyashikirijwe n’umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD, Sylvestre NDAYIZEYE atari ivyo gufata minenerwe kuko Imbonerakure zabibwiwe zishobora kubifata nk’itegeko mu kugirira nabi Domisiyano NDAYIZEYE.

asiyano SIBOMANA avuga ko muvyashikirijwe n’uwuzerukira Imbonerakure, bitangaje kuba yabirorereshe ku moko, iyo nayo igashobora kuba iyindi mbarutso y’ukugirirwa nabi kwa Domisiyano NDAYIZEYE.

"Kumwita icitso aba ariko yerekana ko umuhutu wese atavuga rumwe na CNDD FDD ari nyagupfa, ari uwo gucira ku buhomba. N’imbonerakure itari yashoboye gushika i Bujumbura yaraye yumvise ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD ku wahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domisiyano NDAYIZEYE."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Bitari kera Ndayizeye Sylvestre azobibazwa nkuko Leon Mugesera wo mu Rwanda yavuze ijambo muri 1992 ku Kabaya-Gisenyi ahamagarira Abahutu kwica Abatutsi bikaba vyarabaye ubu arapfunzwe arivyo azira,Ndayizeye Sylvestre azopfa yangara nka Gahini

  • Muri CNDD-FDD uw’ariwe wese ashikiriza ivyo yishakiye naye ubundi baba bamaze kumwigarama kuko ivyo yashikirije n’akamaramaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.