Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ntuzotora ibwirizwa shingiro uvuga ko ryaka (...)
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ntuzotora ibwirizwa shingiro uvuga ko ryaka ubushobozi abatowe
jeudi 3 Rusama 2018, par
Muri SAHWANYA FRODEBU bavuga kandi ko mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha, ingingo ya 116 itubahirijwe, iyo nayo ikaba yatanga ububasha ku nama nshingamateka na nkenguzamateka bwo guhagarika umukuru w’igihugu mu mabanga yiwe, mu gihe biboneka neza ko yagirizwa amakosa akomeye, harimwo guhemukira igihugu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa kane, Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yamenyesheje ko iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha yaka uburenganzira inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu bijanye n’ugutora amategeko, ikabuha umukuru w’igihugu. Leonce NGENDAKUMANA yatanze akarorero k’ingingo y’202 y’iyo nteguro.
"Mu nteguro y’ibwirizwa shingiro, ingingo ya 202 mu gace kayo ka kane ariko gaherezakandi gashasha, kavuga ngo : Mu gihe c’iminsi 30 umukuru w’igihugu ashimye kudashira umukono wiwe ku nteguro y’ibwirizwa ryamaze kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, iryo bwirizwa rica riba impfagusa. Iyumvire namwe, none twemere twikureko ububasha twahorana tubushire mu minwe y’umuntu umwe rudende? None dufate ko abo twitoreye ngo baduserukire ata jambo bagifise? Kwoba ari ukudaha agaciro amatora y’abaduserukira mu nzego nshingamateka na nkenguzamateka."
Leonce NGENDAKUMANA yemeza kandi ko iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro izokomeza ukudahana ivyaha, kuko mu gihe iyo nteguro yotorwa, ata murundi n’umwe ashobora kuzoshikirizwa ubutungane mpuzamakungu. Kubwa Leonce NGENDAKUMANA, iyo ngingo ya 50 ifitaniye isano n’amatohoza Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatanguje ku Burundi.
"Ntawobideha iyo ngingo nshasha ije kugira hahagarikwe amatohoza yari yatangujwe na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI ku mabi abarundi bakorewe. None twemere abenegihugu bazoze barakorerwa amabi y’agahomerabunwa, hanyuma abayakoze bagume bidegemvya mu gihugu atawukakaza? Ko biboneka neza ko ubutungane bwo mu Burundi busa n’ubwamaze kurengerwa bizogende gute?
- Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU
Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU avuga ko gutora "OYA" kuri uwo mugambwe bisigura kubandanya kwubaka Uburundi butekanye, burangwamwo ugusabinya ivy’igihugu gitunze.
"Bisigura kwanka gukumira abandi, bisigura kandi ko umuntu wese azokora ivyaha aho azinyegeza hose azoronderwa agahanwa naho azoba ari umutegetsi angana gute. Bisigura kandi ko tutemera gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe"
Itegeko ry’umukuru riratanga uburenganzira ku biyandikishije mu murwi CENI bw’ukwigisha ugutora "EGO" canke "OYA". N’aho imigambwe yose yiyandikishije yemerewe kwigisha abanywanyi bayo ico bazotora, Leonce NGENDAKUMANA ntanyegeza amakenga afise ku mutekano w’abazokwigisha gutora "OYA", akaba mbere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru atashimye gutanga ikirangaminsi c’imyiyamamazo y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ku mvo z’umutekano, nk’uko yabishikirije.
Egide NDUWIMANA
Messages
3 Rusama 2018, 13:46, par BOSCO
ntangone niciyumviro cawe mutama
3 Rusama 2018, 21:30, par sabimana
karamunaniye uwo numwe yamenyeye gutwagwa nabazungu niyisegane areke gusegana abarundi
3 Rusama 2018, 21:49, par MAJAMBERE
REHOSI PRITIKE YAKUNANIYE HEBERA ABA CNDD-FDD BITWARIRE. CARATUVUNYE.NTAKUGUGUMWA IGIHUCACU NTITUBAHA ICOMWOMENYD TUZOTORA EGO 100%
4 Rusama 2018, 05:24, par OKAY
Ivyo aba DD bari kwigira n’Ibiki? Nimba ari uguhindura, kuki batohindura ibikenewe kwigwako gusa? Mbega ni ngombwa ko n’ibiringo bihindugwa kunyungu ya nkurunziza? Nimureke guhungabanya igihugu kuvaho mwahereye.
6 Rusama 2018, 19:38, par Nzokirantevye p claver
Ariko ga yemwe,leonce ubwo yibagiye akahitiye,iyo tutabona Nyakubahwa p Nkurunziza akadukurakwintekera k umutwe tubatugezehe?caratuvunye ntakugugumwa!