Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe Sahwanya FRODEBU washizeho umurwi ukurikirana imyiyamamazo (...)
Umugambwe Sahwanya FRODEBU washizeho umurwi ukurikirana imyiyamamazo y’ibwirizwa nshingiro
vendredi 27 avril 2018
Nk’uko biri mw’itangazo ry’umugambwe Sahwanya FRODEBU ryo kuwa 25 Ndamukiza 2018, uwurongUwo murwi urongowe ye uwo murwi ni BIKORNDAGARA Sylvestre, icegera ciwe akaba BARUSASIYEKO Pierre, uwufata ivyegeranyo akaba Phenias NIGABA.
Abandi bagize uwo murwi, nkuko biri muri iryo tangazo ryateweko umukono n’icegera c’umugambwe Sahwanya FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA, ni NKURUNZIZA Patrick, NGENDAKURIYO Jean, SIBONA Jules, BIGAWA Iphigenie na NTAMITURIZO Jean Bosco.
Muri iryo tangazo, umugambwe Sahwanya FRODEBU, umenyesha ko uwo murwi uzoba ujejwe ibikorwa bitandukanye, harimwo gukurikirana no gutunganya ibikorwa vy’umugambwe mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, guhuza umurwi utegura amatora CENI n’umugambwe ku bijanye n’amatora y’ibwirizwa nshingiro.
Iryo tangaz rimenyesha kandi ko, abagize uwo murwi bafise igikorwa co gutanga amakuru yose ajanye n’amatora y’ibwirizwa nshingiro ku burongozi bw’umugambwe, hamwe no gukora ibindi bikorwa vyose bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro babisabwe n’uburongozi bw’umugambwe.
Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris