Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha ko uzokwitaba ubutumire (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha ko uzokwitaba ubutumire (...)

Umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha ko uzokwitaba ubutumire bw’umuhuza

jeudi 12 Nzero 2017

Umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha ko watumiwe kandi uzokwitaba ubutumire wahawe n’ibiro vy’umuhuza mu mubonano wo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye naho ibiganiro bigeze,ingorane hamwe n’ibigiye gukorwa mu biganiro bihagarikiwe na Benjamin Mkapa.

Mw’itangazo umukuru w’umugambwe Sahwanya-FRODEBU Frederic BAMVUGINYUMVIRA yateyeko umukono kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Nzero 2017,uwo mugambwe umenyesha ko uwo mubonano uzohuza abatavuga rumwe na Reta hamwe n’abanyepolitike bari hanze,bataronse akaryo ko kubonana n’umuhuza mu rugendo yagize mu Burundi.

Umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha ko uzoronka akaryo ko kubaza ibibazo ku bijanye n’amajambo yashikirijwe n’umuhuza yerekana ko ashigikiye umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza,ibihumbi vy’abarundi bahagarikwa abandi bakicwa.

Muri iryo tangazo,umugambwe Sahwanya-FRODEBU umenyesha kandi ko uzobaza ku bijanye n’ibihumbi vy’abarundi bapfunzwe,n’ibihumbi vy’abarundi bahunze igihugu kubera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Uwo mugambwe uheza umenyesha ko uzoterera ku cokorwa kugira ibiganiro bihuza abarundi bibandanya.


IGIHE

Messages

  • ni mwivire muri snard nakare yarimwo amahinyu . ngo nibongeze ibihano kandi inzara iri kutwica ? snared temba kabisa urababaje abarundi !

  • Ipange vuba, ibibanza ni Cash
    Abenegihugu ntaco.

  • Nabado murabona iki?murarya amase ngo mwumve?

  • FRODEBU mubaye abagabo . Gusa mwaratebye kuko iyo muva muriCNRAREC kare muba mwifitiye ibibanza muri leta. Turabakeje ni mukomere maze mureke izo mujeri zangare.....

  • nabandi bazovyitaba atawubahamagaye, ngico cagishirahamwa cababiringi CENARED kiratanguye gusambuka, frodebu yabonyeko bahenzwe nabazungu barugereka basesa nkuyoze, kuko umuhuza yavunzukuri reta yuburundi iremewe namakungu yose none ico kicenered nici covugako kitayemera? kwakwiri umuhuza yabise abasazi bohoro, nimumaramare muze musabe imbabazi abarundi mwahemukiye......

  • Urakoze Di Nema.Ko Umuvugizi Wa Cnared Yarahiye Ngo Ntabiganiro Bazitaba Ngo Badahinduye Umuhuza Ngo Nukuja Mungwano.Mbega Iyo Ngwano Uzohitana Bande?Si Abanyagihugu?Mugabo Ngo Bazorwanya Leta Ngo Yamaze Abanyagihugu.Bobo Bazoba Babakingiye.Ibibi Birasumbana.

  • Ntanguye gushimira FRODEBU hamwe nabayirongoye kuko ngo igiti ntikigukora mu jisho kabiri kibakigomba kurimena gznda muganire ukuntu mwokubaka igihugu cacu murèke guhendwa na Kagomye yishakira EMPIRE X ntarwohitana FRODEBU ngo rusige CNDD-FDD uri n’ugutwi ni yumve

  • Ntanguye Gushimira Cane Bimwe Bivuye Kumutima Umugambwe Sahwanya Frodebu Kuba Waratoye Akokanya Kokwitaba Ivyo Biganiro Ese Iyindi Migambwe Isigaje Iki?? Nibajehamwe Baganire Bareke Kuryana Kuko Twese Twaremwen’ Imana Imwe.Abarundi Benshi Barahunze Abandi Barishwe Kubijanye Nimigumuko Yabaye, Ibujumbura.Ndasaba Reta Yu Burundi Ko Yotunganya Ibiganiro Vyohuza Abarundi Bose.

  • Ntanguye Gushimira Cane Bimwe Bivuye Kumutima Umugambwe Sahwanya Frodebu Kuba Waratoye Akokanya Kokwitaba Ivyo Biganiro Ese Iyindi Migambwe Isigaje Iki?? Nibajehamwe Baganire Bareke Kuryana Kuko Twese Twaremwen’ Imana Imwe.Abarundi Benshi Barahunze Abandi Barishwe Kubijanye Nimigumuko Yabaye, Ibujumbura.Ndasaba Reta Yu Burundi Ko Yotunganya Ibiganiro Vyohuza Abarundi Bose.

  • Ndashimira Cane Umugambwe Frodebu Kuba Ugiye Kuja Mubiganiro.Ndasavye Abanya Poritike Kuja Hamwe Bagatorera Inyi Ibibazo Vyigihugu Cacu Ku Imitwe Ikora Ikoranye.Ico Nohanura Abanye Poritike Bari Hanze Nukwo Botaha Bakaja Hamwe Bagatorera Inyishu Ibibazo Bafise.Kuko Ibigira Nama Bigira Imana.

  • Ngo abarundi ibihumbi bahunze ikiringo ca gatatu:none kubahungiye mu Rwanda hari ibiringo bingahe?muri Ouganda naho ni ikiringo ca kangahe?mbona bazomara isi bahunga nimba ari ikiringo.

  • Aboba FRODEBU nibaramuka bagiye Tanzania ngo bagiye kubonana nuwahoze arumuhuza bazoba bemeje rirya Mkapa yavuze kwarabasazi badakwije mumutwe! ,umuntu iyamaze kukwubahuka akagutuka igitutsi nkakirya yuko urumusazi, aba yagukengereye gushika kumwisho, ivyumusazi akora birazwi, ahura namavyi akarya icari cocose bihuye nukurya!,kuba yubahutse gutuka abantu nkabarya bishoboka muriibo, hakaba harimwo nabamuvya ubumenyi nubuhinga, ntacombona aba frodebu bojakurondera kwa Mkapa? jewe kuja Kwa Mkapa ndavyita nti ninkuguta umutwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.