IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA usaba impande zose kwemera ibizova mu matora

Umugambwe UPRONA usaba impande zose kwemera ibizova mu matora

samedi 19 mai 2018

Mw’itangazo umugambwe UPRONA wasohoye inyuma y’umunsi umwe amatora abaye, umenyesha ko ushima uko amatora yagenze kuva mu myiyamamazo gushika abaye.

Umugambwe UPRONA urakeza imigambwe n’urunani rw’abigenga ingene bitavye amatora ukungene bigenjeje, ukabashimira kandi k’ukutaryagagurana kwabaranze mu matora.

Muri iryo tangazo, umugambwe UPRONA urashimira ibimenyeshamakuru n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru ku kungene batanze amakuru ajanye n’amatora, ugakeza kandi umurwi utegura amatora CENI ku gikorwa wakoze, ukawipfuriza no gutera imbere mu gutegura amatora ya 2020.

JPEG - 56.2 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Umugambwe UPRONA urangiza ushimira abanywanyi bawo ingene bigenjeje mu myiyamamazo no mu matora, ukabasaba gukorera kubizova mu matora kugira bategure intsinzi y’amatora ya 2020.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.