Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA wemeza ko uzotora "EGO"
Umugambwe UPRONA wemeza ko uzotora "EGO"
dimanche 22 avril 2018
Inyuma y’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe UPRONA yabaye kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018, Abel GASHATSI yavuze ko bisunze ko ivyiyumviro bashikirije mu murwi wari ujejwe kwiga ingingo zohinyanyurwa vyafatiweko, atacobuza ko baryemeza.
Umukuru w’umugambwe UPRONA yavuze kandi ko asaba abanywanyi b’umugambwe kwemeza ibwirizwa nshingiro, kuko ivyiyumviro nshimikiro vy’amasezerano ya Arusha vyashizwe muri iryo hinyanyurwa.
- Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu
Abel GASHATSI ahamagarira ariko Reta, kubandanya ibungabunga umutekano w’abarundi, kandi umwe wese akubahirizwa mu vyiyumviro vyiwe.
Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, kwiyamamariza ayo matora bikazotangura kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 avril 2018, 13:59, par Nzeyi
Murateye ikigongwe nukuri izo nda zanyu zizobakorako
22 avril 2018, 18:51, par Gahungu
Iyi ni UPRONA ya Pirate.
23 avril 2018, 10:51, par Namahinyu
@Nzeyi
Ah’ubwo ni wewe uteye imbabazi ; none Arusha ntiyubahirijwe mu nzego zose ? moitié-moitié dans les forces de sécurité et 60%-40% dans les autres institutions. Wibaza ko aho haruguru ho bimeze gute ? Himba uhishe !
24 avril 2018, 00:01, par Deo
Tuzoritora Ijana Kwi Jana Ntitugihendwa Ni Ego Caratuvunye Komera mutama Fashanya Na Nkurunza Kubaka Igihugu Twese Aba Iprona Nyakuri Tukuri Inyuma Ok
24 avril 2018, 14:24, par m
Pauvre UPRONA en agonie
24 avril 2018, 16:45, par kankindi
mbega abo bavuga ngo ntimutore EGO nibimaramare ntaco bacera nibarye imvumba
30 avril 2018, 14:14, par RUGWIRO
sinarinzi ko OPRONA nayo yavuga gutyo kweri ariko ngira niya pirate ntago arimwe ya Buyoya na Bagaza genda Bagaza warumugabo ntago Nkurunziza aba Akidegevya ngaho ubawaramukuyeho twarakwemera gusa abarundi mukomeze mwihangane Nkurunziza igihe kizagera nawe azavaho ntazokwamaho naho iyo OPRONA ntakigenda cyayo kabisa.