Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe wa Barrow watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umugambwe wa Barrow watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka

Umugambwe wa Barrow watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka

samedi 8 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UDP (Parti Démocratique Unifié) wo mu gihugu ca Gambia watahukanye intebe 31 kuri 53 zitegekanijwe mu nama nshingamateka y’ico gihugu. Ivyo biharuro ni ivyavuye mu matora yabaye kuri uwu wa kane.

Alieu Momar Njie, umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora yamenyesheje ko uwo mugambwe UDP wa Adama Barrow ariwo watahukanye intebe nyinshi (Majorité), aho akaba ari mu gihe umugambwe APRC (Alliance Patriotique pour la Réorientation et la Construction) wa Yahya Jammeh yahora ari umukuru w’ico gihugu watahukanye intebe zitanu gusa, muri 29 uwo mugambwe wahiganira n’abandi bitoza.

Uwo mugambwe wa Jammey niwo wahora ufise intebe nyinshi mu nama nshingamateka yahahora.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.