Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhagarikizi w’umunyakenya yakuwe k’urutonde rw’abazohagararira igikombe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’umunyakenya yakuwe k’urutonde rw’abazohagararira igikombe (...)

Umuhagarikizi w’umunyakenya yakuwe k’urutonde rw’abazohagararira igikombe c’isi

Thursday 7 June 2018, by vianney

Aden Ranga Marwa yaharurwa mu bahagarikizi bigenjeje neza mu gikombe co muri Afirika cabereye mu gihugu ca Gabon ariko yakuwe ku rutonde rw’abasifuzi 63 bo ku ruhande bari kuzohagarikira inkino mu gikombe c’isi.

Bivugwako ukwo kuva mu bohagarikiye inkino mu gikombe c’isi bitumye ahomba amashiringi angana imiriyoni 2 yaho mu gihugu ca Kenya, kandi yari guhabwa ibihumbi 200 vy’amashiringi yo muri Kenya imbere yo kuja mu Burusiya kandi akongera akayahabwa kuri buri rukino ahagarikiye.

Umurundi Jean Claude Birumushahu niwe wenyene asigaye k’urutonde rw’abazohagarikira ku ruhande mu nkino mu gikombe c’isi mu Burusiya ava mu Karere ka Afurika y’Ubuseruko.

Aden Range Marwa afise imyaka 41 asanzwe ari Umwigisha w’ibiharuro kw’ishure ryisumbuye rya Kotombo akaba yari mu bahagarikizi bakomeye bafitiwe icizere ku rwego mpuzamakungu inyuma yaho yitwaye neza mu guhagarikira neza inkino z’igikombe c’isi cabatarenza imyaka 17 mu mwaka wa 2011.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.