IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhungu mukuru w’umukuru w’igihugu yatanze imfashanyo ku bakenyezi b’i (...)

Umuhungu mukuru w’umukuru w’igihugu yatanze imfashanyo ku bakenyezi b’i Ngozi

jeudi 8 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo mfashanyo yayitanze ari kumwe na Miss Burundi 2017 hamwe n’uwutegura amahiganwa ya Miss Burundi, afadikanije n’ishirahamwe "Abahindurangendo".

JPEG - 86.3 ko
Kelly RUREMESHA ariko atanga iyo mfashanyo

Iyo mfashanyo yari igizwe ’umuceri hamwe n’isukari, hamwe n’ibitenge.

Uwo mugwi uri kumwe na Kelly RUREMESHA, waragendeye kandi abarwayi barwariye kw’ivuriro ry’i Buye riri mu Ntara ya Ngozi, ahasanzwe havuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ivyo bikorwa vy’ubugiraneza vyakozwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi wahimbajwe mu gihugu c’Uburundi kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018. Ibirori nyezina vy’ihimbazwa ry’uwo munsi mpuzamakungu biriko bibera mu ntara ya Kayanza.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

  • Ibintu vy’ "ubugiraneza" iyo bimaze kujamwo politike bica bita akanovera ntiriwe ndavuga agaciro! Co kimwe n’ivyo vy’ubwiza ngo ni aba "miss..." Ukuvuga menshi siko kuyamara.

  • Mbega yemwe abarundi aho turi hose turota politik ?aho ubony harumunyepolitik arimwo?

  • @Jojo: Ni waba upfa gusoma ivyanditwe ukabifata uko, hariho abazi gusesangura ibintu vyanditswe. Kuba rero baterereye iciyumviro kandi ikinyamakuru kikagicishako n’uko babonye ko gifise akamaro. Cane cane ko atawe bifatiye mu gahanga. Hari vyinshi vyandikwa mugabo iyo ikinyamakuru kitabishimye ntibihita. Ntuzi ko twamaze igihe ivyiyumviro vyacu bidahita kuri iki kinyamakuru kubera imvo uzi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.