IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza Benjamin MKAPA yitezwe i Bujumbura

Umuhuza Benjamin MKAPA yitezwe i Bujumbura

lundi 5 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzania, akaba ariwe muhuza mu biganiro bihuza Abarundi, yitezwe i Bujumbura muri iyi ndwi twatanguye kuri uwu wa mbere. Abunganirizi b’umuhuza Mkapa ntibavuga isango nyezina azoshikirako, ariko bikaba bitegekanijwe ko azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’abandi bose begwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi.

JPEG - 44.1 ko
Umuhuza Benjamin William MKAPA azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Mw’itangazo ryasohowe n’abunganirizi b’umuhuza MKAPA, bamenyesheje ko urwo rugendo mu Burundi ruzoba rugamije kwumvikana ku rindi sango ry’ibiganiro bihuza Abarundi, umuhuza MKAPA akamenyesha ko bizobandaniriza hanze y’Uburundi, nk’uko urupapuro rw’inzira rw’ivyo biganiro rubivuga.

Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi umenyesha ariko ko ugiye gusaba ko ibiganiro bihuza Abarundi birongowe n’umuhuza Benjamin William MKAPA vyatahukanwa mu Burundi akaba ariho bibera. Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko muri ivyo biganiro hatotumirwa abaronderwa n’ubutungane.

Evariste NDAYISHIMIYE yashikirije ko yipfuza ko isango ry’ibiganiro ririko ritegurwa i Arusha ryoba irya nyuma, kuko bazosaba umuhuza ko ivyo biganiro vyobandaniriza mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Barayamaze Ngo wanka kugarura intungwa ikiri hafi yamara kurenga umutumba ukabira nkayo ibiganiro vyatanguriye ibujumbura muburundi birongowe nanyakubahwa museven nkumuhuza wabarundi afashijwe nuwari minister wiwe wo kwivuna abasi crispus kiyonga cndd fdd nyene nimwe mwavyivanyemwo murigumura Ngo nuko mwumvise hashinzwe urunani ruhurikiyemwo abase ko amasezerano yarusha nibwirizwa shingiro bisenyurwa cnared kurusuku ivyo biganiro nukurangira biba vyararangiye atanganda zigana nizatikiye zirinze gutikira none uyumusi nimwe muri gukoma induru Ngo ibiganiro bibere muburundi kandi abo mwarikubigirana arimwe mwabomoye ico nosaba nyakubahwa umuhuza nuko yobandanya ikikorwa ciwe adakebaguzwa kuko abarundi isinzi akarere Na makungu dushigikiye ibiganiro bibera hanze kandi bidakumira ico tumusaba nuko yotumira ivyo biganiro atawe asize inyuma maze hagasigara hari ukuraba uwuhirahira akanka kuvyitaba ico tumusaba nuko yoca akora nka nyerere Na madela kuku bahita batangira raporo abadashaka amahoro kukarere eka mbere no mumakungu mbere bagaca bagabisha ibihano ruhasha kuwo wese azohirahira agashaka kubangamira umugambi wa mahoro nanyakubahwa mkapa ico kintu ntazacibagire kuko cndd fdd niko yamye yamye igihe cose ishaka kudadaza mutwigoro twokurondera amahoro muribuka ikiri mwishamba yari yabanje kudadaza mukwanka gushira ikikumu kumasezerano yo guhagarika intambara gushikaho akarere Na makungu bagabisha kuzofata uwo muhari nkumurwi witerabwoba babona kwemera urumvako iyongendo yo kwiteza utunyoni barayamanye kuva kera igikenewe nuko nyakubahwa umuhuza afashijwe Na karere Na makungu bo koresha igihagararo cabo mugutera igitsure gikomeye cndd fdd Na reta iwukomokako kwitaba ibiganiro atakirinze gusabwa no guhagarika ubugizi bwanabi bwose iyo buva bukagera uwo mugambwe Na reta yawo Bari gukorera abanyagihugu ikindi nyakubahwa umuhuza yohimiriza nirungikwa ryi nteko mvamakungu zoza gufasha kugarukana amahoro numutekano i Burundi hamwe numurwi wazandorerezi zagisivire Na gisirikare ivyo mbere bikaba vyofasha gose gutuma impunzi zitahuka mbere Na banyeporitike uko nyene nkaba ndangije ntera intege umuhuza ngiranti nakomere kumuheto ntasamazwe nivyiyumviro vyabangushi atakindi banyotewe Atari ukubandanya bamena amaraso ya barundi murakoze

  • mme bwenge,,,,,hakuna mazungumuzo, hayo tu ndo kubishibishiyana...fungueni macho warundi!!!

  • QUE LES DEBATS POLITIQUE S’ARRETENT!! IL FAUT QUE LE MEDIATEUR DECIDE! PLEASE W’RE TIRED! ABARUNDI TURARUSHE! UWUVYANKA NUKO ABONA YUZUYE! TWEBWE UBUKENE BURATUREMBEJE! NIBIHERE IFASHANYO ZIGARUKE SINOM TURAHARWA BATOBATO!

  • Mbese iyo CNAREC yahimbwe n’abakoloni ngo itegereje i Biganiro!!! 2 ans irashize . Nibabe bahekenya kumahera bahemba ibimuga (CPAS) mububirige kuko ntakindi bashoboye abo baja b’abazungu.

  • Icombona ibiganiro bikwiye kuzobandaniriza mu Burundi, nimba naho bahisemwo kobizokomeza kubera hanze YU Burundi biteguye kuzabaratondesha indege zirenga 20 zizoza zirashomba abantu badakwiye kuzobura mwivyo ibiganiro.
    Ndaziko nezananeza hariho abantu barimu Burundi bazokwitabira ivyobiganiro barenga 5000 ariko abarihanze ntibarashika 50 none nimba iyisi yikigihe ikigira abantu bashira ibintu mukuri mwumva arabahe bosanga abandi?

  • Mbegabigirabizevyavamunzira Ivyibiganiro Rekaturindire Ikizovamwo

  • karibu urabe ya jenoside bamaziminsi baririmbira kwa kagame,ubona ko kagame jenoside yamuhaye, burumwaka ngo tuje kunamira jenoside.twe turimumahoro ikindi naco ntakwicarana nabicanyi baturira abantu babona nkumu escro pacifike

  • Nimumpe inyishu uwo atwenga nuwo adatwenga ninde wumunyabwenge? cankeninde nyakubahwa? (nayonyenicubahiro wentawurimwo atar’imana gusa)

  • Nunganiye gipara nabiyumvira nkawe, ko barya barundi bari hanze bumva banezerewe iyo Leta ibahaye akaryo bakaganirira hanze akaba ataburyo bitwara Leta, nibigombe bibandanirije hanze, igihe cose bumviseko bakeneye abari muri Leta bagenda kubaganiriza bagende babaganirije,babaremeshe, hanyuma igihe bazoshakira bazotaha, EREGA UWUTAHA IWABO NTACERERWA,

  • KUVUGA UKURI KURAKENEWE,ABARI MURI CNARED,N’ABANDI BAMWE BAMWE,BAKENEYE BAJE MU NZEGO BARYE,BADUZE AMAZU MEZA AGEREKERANYE,KANDI BATATOWE,UBUKENE BUKUGARIZWA TWE BANYARUCARI,TURIHA INGURANE HANZE ABO BANYAPORITIKE BAKOMEYE BARIYE,BUBATSEMWO IBIZU.GEZAHO,MUHIGE GUTEZA IMBERE IGIHUGU,AMAHERA AGIRE AGACIRO,TUVE MUBUKENE TURIMWO,NTIMUJE MU MAGABURANYAMA ATAHO IGIHUGU KIRASHIKA.MURAKOZE.

  • Komera mushingantahe Benjamin Mkapa, uwo mugabwe wa bagumutsi ngo na CDD FDD, ivyo bavuga nivyabo sivya barundi. Twebwe abarundi bumutima twifuza kwibiganiro vyobera hanze bikarangirira hanze, abo ba CDD FDD bivugisha ngo ntibakeneye kwicarana na barwanira ibwirizwa nshingiro ryi gihugu,ni rya rusha, mbebifuza kwicarana nabana babo nabagore babo antaco bapfa? ivyo bijujutisha burya iyitarabona iserihaha ngo ni nyama.

  • Icombona,ivyobiganiro
    Vyotumigwamwobose
    Bavyeregwa
    Abobarondegwnabo
    Nibatumeyo
    Intumwazabo
    Ariko,ibiganirobibe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.