Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza MKAPA na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza MKAPA na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe

Umuhuza MKAPA na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe

jeudi 16 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho Reta y’Uburundi imenyeshereje ko itazoja mu biganiro naho muri iyo Reta bavuga ko baronse ubutumire bwashitse kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2017 bw’ivyo biganiro bihuza Abarundi vyatanguye i Arusha kuri uwu wa kane, umuhuza Benjamin William MKAPA amenyesha ko Reta y’Uburundi itari yatumiwe, ahubwo ko abaserukira Reta bazokwumvirizwa hanyuma ukwabo.

N’aho biri uko, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ari i Arusha, "kwumvisha abanyeporitike badakurikiranwa n’ubutungane ko botaha mu Burundi." N’izindi ntumwa z’umugambwe CNDD FDD zikaba zitezwe aho i Arusha, mu gihe Reta y’Uburundi yamenyesheje mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu ko itazokwitaba ivyo biganiro.

Umuhuza MKAPA yamenyesheje ko isango ryo kuri uwu wa kane ari iryo guhanahana ivyiyumviro n’abatumiwe ku cokorwa kugira Abarundi n’abandi banyeporitike bahunze Uburundi bashobore gutahuka.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, umuhuza Benjamin Wiliam MKAPA yabonanye n’abahoze batwara Uburundi aribo Pierre BUYOYA, Sylvestre Ntibantunganya, hamwe na Domitien Ndayizeye.

Abandi banyeporitike bamaze gushika aho i Arusha ni Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, Jacques Bigirimana umukuru w’umugambwe FNL, Abel Gashatsi umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi, Tasiyano Sibomana na Evariste NGAYIMPENDA, Jean Minani umukuru w’urunani CNARED, Agathon Rwasa wa FNL itemewe n’ubutegetsi, hamwe na Bernard BUSOKOZA.


IGIHE

Messages

  • Hahahahahhhhh ewe Mkapa genda urazi gukingira ikibaba aba dd. Uti reta y’u Burundi ntiyari yatumiwe? Jewe nibaza ko utazi icarico umurundi!!!.. Karerwa na Nzobonariba baremeza ko leta ya Pita yaronse ubutumire none kuki ubavugutuza. Bwabundi cnared ntirira busema Kuba neutre birakugora ark ntaco ibuye risohotse ntiriba ricica isuka.

  • Ni ukuri sinibaza ko Mkapa atomoye. Ngo leta ntiyayitumiye; e mama ngo ni ukurabira hamwe icokorwa kugira ngo impunzi zitahe. None yoba azi ico ajejwe? Yoba ariko aragikora? Ndamuhanura yotanga imihoho akareka gukindira ku mivyimba y’inzirakarengane zirigwa ziricwa ataco zizira.

  • wapi kabisa uyumuhuza aratanguye kujaganyibintu, mamawe!. nimbarukuri yubuhutse agatumira NIYOMBARE ubuhuza bwamunaniye icibagiwe nibarya bikuye mukazi bakajakwibera iburayi nka RUFYIKIRI, Piyo NTAVYOHAMA, HATUNGIMANA Rehonidas nabandi nabandi abo ntibakenewe mubiganiro

  • KOMERA KW’IBANGA MUTA WIMVISHE CNDD KO UBURUNDI TUBWIRIZWA KUBUBAMWO TWESE ATANUMWE AVUYEMWE KANDI KW’ICA ABOMUDASANDIYE IVYIYUNVIRO NTAHO BIZOBASHIKANA .

  • muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga

  • Bararaba Baganire Ivyankenerwa Ariko Ntibibe Ibiganiro Vy’amagaburanyama Kuko Reta Iriho Ubu Yatowe N’abenegihu. Ahubwo Dusabe Imana Idukize Iyi Nzara Ivurwa Mu Mihingo Imwe Imwe Y’igihugu. Mana Dufashe Abarundi Kuva Mu Kaga Eka N’ibindi Bihugu Bifite Ingorane.

  • muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga nahano murwanda abari barahunze inkotanyimuri 1994 barimo gutaha kuko basanze abandi brabasize ubu bariko baricuza igihe bataye

  • muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga nahano murwanda abari barahunze inkotanyimuri 1994 barimo gutaha kuko basanze abandi brabasize ubu bariko baricuza igihe bataye

  • Mbe ko DD itavuga ko u Rwanda ruvyihishe inyuma?hhah Narababwiye ko DD yibagiwe ko Kikwete atakiri President, uwurongoye Tanzanie ni Magufuli kandi ntiyumvikana na Peter,CNARED tsinda tsinda tsinda

  • Mukapa ariko akina cache-cashe nkabana?Ivyo ga nibiki agira? Huuuuuuuwee!

  • Mukapa Arerekanye Aho Ahagaze

  • Nibashinge Ingingo Yokura Mukaga Abarundi,kuko Uburundi Ntamahor Bufise.Mkapa Niyumvish Cndd Fdd,baje Mubiganiro => Bizohava Bimera Nka" Gambia" Rekatuzoba Turabraba.

  • mutama Mkapa washaj nabi abo ba dd ukingira ikibaba ningand batikij taha ury aya passion ubuhuza wapi

  • Wowe wiyita MUTOKAMBARI Nibyo koko wavuye kule ninayo mpamvu ubwenge bwawe buva kule kuko utari injiji Cg ngo ube ikigoryi ntiwazana U Rwanda muri ayo matlku yanyu yabarundi naho kuvuga ngo aba DD ko batavuze ko u Rwanda rubyihishe inyuma ubwo wowe washatse kuvuga iki ese ubwo tuvuge ko uri umuvugizi wande ? Menya ngo u Rwanda ntimukaruvuge mu bugoryi bwanyu !!!!’ Ubundi mutaba ninjiji ubwanyu ibibazo byarabananiye kubyikemurira ngo muzabikemurirwa na Tanzania , uburayi , amerika ,nahandi !!!

  • NTIBEMELE GUSUBILA MUBIGANILO BASAKA KUTELA IYINDI KUDETA

  • Nukoboseboganirabahuzahama hakabonekumutekanomuburundibwoso kandi abagarutsemuburundibakubahirizwa

  • Mbenjane Yarakwiye Ubuhuza Kuko Ntahengama Ret Yuburundi Nibarabe Ingene Yoca Inkoningufi Erega Umuvyeyi Yamana Ikigongwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.