Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza MKAPA yagirijwe ko yananiwe igikorwa yashinzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza MKAPA yagirijwe ko yananiwe igikorwa yashinzwe

Umuhuza MKAPA yagirijwe ko yananiwe igikorwa yashinzwe

lundi 12 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu bamenyeshwa ko batangajwe n’ivyashikirijwe n’umuhuza Benjamin William MKAPA, mu rugendo yahoramwo mu Burundi. Urwo runani rukabona ko umuhuza yerekanye aho ahagaze mu gushigikira ko ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bwemewe.

Inyuma y’urwo rugendo, umuhuza MKAPA yashikirije ko abafise ivyo bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi batarabwa n’ibiganiro ariko arategura, ahubwo avuga ko bakwiye gushikirizwa ubutungane. Kubwa CNARED, umuhuza MKAPA asa nk’aho yananiwe igikorwa yashinzwe c’uguhuza impande zitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Urunani CNARED rusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryofata mu minwe ico kibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi, muri urwo runani bakamenyesha ko ivyashikirijwe n’umuhuza MKAPA ataco bifasha impande zitavuga rumwe zategerezwa kuganira ku bibazo vya poritike bihanze Uburundi.

Umuhuza mu matati y’abarundi, Benjamin William Mkapa aheruka kumenyesha ko abacibaza ko Reta ihari mu Burundi itemewe ari "uguta umutwe".

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi, MKAPA yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari umukuru w’igihugu yemewe, kuko yatowe n’abanyagihugu. Yagize ati : "Abaserukira ibihugu vyabo baraza gushikiriza amakete yabo Petero Nkurunziza, ONU yaremeje ko ariwe mukuru w’igihugu. None uko guta umutwe ni nyabaki ? Turata umwanya ku kibazo carangiye kera."

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuhuza MKAPA yamenyesheje kandi ko abazokwibataba ibiganiro bizoba mu kwezi kwa mbere ari abataronderwa n’ubutungane.


IGIHE

Messages

  • icyangombwa kiruta byose ni urukundo, amahoro, n’amajyambere

  • None uwo ONU yorungika akaza avuga nka MUKAPA vyogenda gute?

  • None,nkayo,mahera,bariko,bakoresha,muri,ivyo,biganiro,ntiboyaha,bantahonikora??

  • ABATOTEZ ABANDI BO KO BATAFATIRWA IBIHANO . NYARUCARI NIWE AHAGORERWA .

  • ABATOTEZ ABANDI BO KO BATAFATIRWA IBIHANO . NYARUCARI NIWE AHAGORERWA .

  • abobavugako umuhuzayananiwe nugutumutwe nkukobivugwan umuhuza.kandabo birumvikanako aribamwe baribatembagaj ubutegetsi.nibamurekemutamayitwarire gushika umukuruw abagumyabanabobavugako umuhuzayananiwe nugutumutwe nkukobivugwan umuhuza.kandabo birumvikanako aribamwe baribatembagaj ubutegetsi.nibamurekemutamayitwarire gushika umukuruw abagumyabanga agarutse.

  • nimwirambir batama.komera

  • ndakwemeye mutama mukapa luvyo waraye ushikirije aboba gabo bomuri cenard bahejeje gumura abaru barativyabo barahunga none ubu bariko babesha amakungu ngo onu icokibaza nigifate mumingwe ahubwo amakungu nabuze bareke kuburagiza abarundi bikorere imirimo

  • uyo muta wacu nkurunziza bamuhiga kwiki ? kandi abamwumira bazo mwandurako . niba mureke twa murungikiwe ni Mana . Ngo Bagomba Kagame A Be Umuhuza ? Ewe Cnrd Bira Kugoye .

  • uyo muta wacu nkurunziza bamuhiga kwiki ? kandi abamwumira bazo mwandurako . niba mureke twa murungikiwe ni Mana . Ngo Bagomba Kagame A Be Umuhuza ? Ewe Cnrd Bira Kugoye .

  • ahubwo reta y,uburundi n,iyemere baganire nabo batavuga rumwe,

  • Mkapa natange imihoho ntakwiye icokibanza cubuhuza, Cakabiri mwibuke iyumuntu iyariko arasaza ubwenge nabwo nyene burasaza. Akabagifise akenge,baribamutekereye agasabirwa, Nkurunziza yariteguriye kwica, nukuroga vyose arabishoboye, uyu mkapa nawe siwe yararozwe.Utarozwe ntiwokubahuka kuvuga ibintu nkabirya bitagirumutwe namaguru!, igihugu cacu carabuze abategetsi bakwiye kizakironka irwerirweri usa.

  • Ahubwo sukwagirizwa gusa akwiye no kuba mubazishura amabi yose nkurunziza nakarwi kiwe bariko barakorera abarundi mbere nibizoba munyuma akwiye kuzo bibazwa kuko amajambo yashikirije namajambo ateye isoni nubwoba kuko yahaye impigi nkurunziza nakarwi kiwe kubandanya basasika iganda nubu nimukurikirane ibiriko bibera hirya no hino mugihugu ubwicanyi nubundi bukozi bwikibi bugirwa Ni mbonerakure iperereza igipolisi vya nkurunziza bwariyongereye kurugero ruteye ubwoba inyuma yaho uwari umuhuza avugiye arya majambo ahubwo arakwiye kugira vuba agasaba ikigongwe abarundi akarere kari kamwizeye mugikorwa cubuhuza eka mbere Na makungu kuko amajambo yavuze arateye isoni ikindi nuko bigiye gutuma nivyahuha bihuhuka kuko bishobora kuvyara intambara ikomeye mugihugu ico saba abarundi Bose biyamirije ikiringo cagatatu ca nkurunziza nuko batosubira kwemerako ibiganiro bibera i yarusha kandi ntibasubire kwemera umuhuza numwe atanzwe Na karere ikibazo basabe ko ONU ariyo igifata muminwe ko tugira imana kimoon akaba agiye kuko nawe nyene yagaragaje ubushake buke mugutorera umuti wibibaza bihanze abarundi naho nyene nigihe vyobonekako hari ugushaka kandi binyaruka atarukwo ntakamaro ko kubandanya dusamazwa nibiganiro kuko nimurabe umwanya vyatwaye mkapa yinumiye agize araza tuziko hari gishasha azanye ahubwo aza kudukora munkovu ubona iyo yapfuma abivuga kare

  • Shame on him. Crooked Mkp, God damn him!!! Go to hell stupid Mkapa and shame on you! Bullshit!!!

  • Uyo muhuza nagende aruhuke kuko ageze mu za bukuru,nibarondere abantu bazima bakibasha bafise ubwenge apana uyo mujegere,namwe nimurabe abitaye murudubi basigaye baramutwenga ko mu mutwe hamaze guparangana

  • JEW NIBAKO IVYO NYAKUBAHWA MKAPA YASHIKIJE NIVYI GOSE TWEBE ABARUNDI NISAWA IGIHUGU CACU NISAWA AHUBWO ABO BANTU BATERA UBU COMANTAIRE BAKWIYE KUBUHAGARIKA KUKO BAKARAMUKA BAFASHE NIKIBAZO NORANGIZA SHIMIRA MKAPA KURIRYO JAMBO YASHIKIJE MURAKOZE.

  • JEW NIBAKO IVYO NYAKUBAHWA MKAPA YASHIKIJE NIVYI GOSE TWEBE ABARUNDI NISAWA IGIHUGU CACU NISAWA AHUBWO ABO BANTU BATERA UBU COMANTAIRE BAKWIYE KUBUHAGARIKA KUKO BAKARAMUKA BAFASHE NIKIBAZO NORANGIZA SHIMIRA MKAPA KURIRYO JAMBO YASHIKIJE MURAKOZE.

  • Mubisanzwe Mukapa Yavuze Ukuri. Kuko Ntakunt Umuntu Yoba Yarahunze Igihugu Kubwamabi Yoba Yarakoze Hanyuma Ngo Ace Atumirwa Mubiganiro. Muri Make Yaciye Urubanza Nk,umushingantahe.

  • YAVZ UKURI PE!! NIBATUREKERE UMUTAMA!!

  • ko yaramutse avuga kurya, ni turindire turabe iyo bija,ariko hagati aho,kuko biboneka ko ibintu bigiy kudidindira rwose,ni vyize reta y’igihugu ca TANZANIA yokwagura amakambi y’impunzi kuko intureka zishobora kwaduka; bitagenz uko naho inzara nayo ishobora kwirara mu bantu kuko uburundi iki gihe bwafashe intumero yo kwuba nyamwideendako. imfashanyo zarahagaze,ubuzima nabwo burazimba rwose. n’inzara irahungwa.

  • Uwokaryanisa barundi ntazosubi kugaruka gukokeza ugwanko

  • abatagira ubwenge bazi ngo mkapa yafashije ubutegetsi. ariko n, ukumenya ko uwuguhanura agucuvya, akubwira ngo.( igiseru kirakubereye).

  • Mkapa mchonganishi wawarundi,atorewe kwenye nafisi hio hafayi!

  • Ariko Ivyo Biganiro Bizohera Ryari?Je Bingezd Ahantu Meng Nobidahwa Abo Banyepolitique Barateza Ibibazo Kubwinda Zabo Ham Ngibiganiro?CNALED kuv muri2015 mwatubwirako harivyo mugiye gukora vyabay amajambo rero guma hamw adutware twebw turi mugihugu mwe mutwagw nabazungu nkuko vyabadyoheye

  • Kweri nuwomuhuza yamaniwekeri gutunganiriza abarundi.none utatumiye abatavvga rumwe na reta wotumira nde?

  • ivyo mbe iyoreta izociganira nande ko batemeraa bo bafitaniye amatati umuhuza natangimihohohoa reke kubeshera ONU!

  • Umuhuza Yakoze Kwerekana Ukur’ahokur Abnyeporitike Bareke Kuturagiza Dukore Dutuje

  • basha antu barataye ubwenke! nibandekere yemwe uwomuhuza yitwarire gushika atakiriho urumva ivyobiniro vyiwe uwo muvyeyi nawe petero nkurunziza niyitwarire koko nitwe abarundi twamwitoreye niyirambire %

  • Abo !Bavugako Umuhuza Benjame Mkapa Yashaje Nobageranya Nuruyoya Rusubira Kusanji Rwaneye Mbe Aho Bavuga Ngwarashaje Mugabo Nabonyene Baritsindisha Ntibazi Ko Agashitsi Kakera Ariko Kavumbika Umuriro

  • Abo !Bavugako Umuhuza Benjame Mkapa Yashaje Nobageranya Nuruyoya Rusubira Kusanji Rwaneye Mbe Aho Bavuga Ngwarashaje Mugabo Nabonyene Baritsindisha Ntibazi Ko Agashitsi Kakera Ariko Kavumbika Umuriro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.