Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha guhagarika ihamwa rikorerwa abatavuga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha guhagarika ihamwa rikorerwa abatavuga (...)

Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha guhagarika ihamwa rikorerwa abatavuga rumwe na Reta

dimanche 31 décembre 2017

Mw’ikete umushingamateka Agathon RWASA arongoye w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yandikiye umuhuza Benjamin Mkapa kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko nk’uko bari babibwiye ibiro vy’umuhuza, ihamwa ryatanguye ku murwi w’imigambwe n’abanyeporitike batavuga rumwe na Reta kuva ibiganiro vyabereye i Arusha bigitangura, biza kwunyuka naho bari bamaze gushika mu gihugu.

Muri iryo kete, umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko ihamwa rya mbere rishingiye ku mvugo y’iterabwoba no gusuzugura ishikirizwa yerekeza ku mushingamateka RWASA Agathon hamwe n’abanyeporitike berekanye ko badasangiye ivyiyumviro n’umugambwe CNDD-FDD, mu biganiro vyabereye i Arusha, kuva kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo gushika kurya 9 Kigarama 2017.

Umushingamateka RWASA Agathon amenyesha kandi ko kutihanganiranira muri poritike hamwe n’iterabwoba rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, bituma haba ihagarikwa n’ipfungwa ry’abatavuga rumwe na Reta, mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Muri iryo kete umushingamateka Agathon RWASA avuga ko irindi hamwa ririko rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, rishingiye ku buryo bariko bashirwa mu bihe aho bagira amakenga ku mutekano wabo, uhereye ku mushingamateka RWASA Agathon wenyene.

Umushingamateka RWASA Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko afise impungenge ku mutekano wiwe, inyuma yaho abasirikare bamucungerera ubuzima bahinduriwe aho bakorera , kandi atabajijwe canke ngo amenyeshwe igituma batwawe.

Umushingamateka RWASA Agathon,arangiza asaba umuhuza gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira impande zegwa n’ikibazo c’Uburundi ziganire kuvyo zidahurizako, gutyo bashike ku mwumvikano.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • nivy abanyabujumbura nibabasigure arko kuber k abant badatahukirwa ningoga jew nosaba k atawe bosubira gufunga ngo nuko avuze k azotora oya.ahubwo nagra ng n uburenganzira bwiwe ataruko naho bica nanj bincanga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.