Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Neymar Junior yasezeye umurwi FC Barcelone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Neymar Junior yasezeye umurwi FC Barcelone

Umukinyi Neymar Junior yasezeye umurwi FC Barcelone

mercredi 2 Myandagaro 2017

Mu gatondo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2017, niho ivyari bimaze iminsi bifatwa nk’ibihuha vyaja ahabona, ko umukinyi Neymar Junior atakiri umukinyi w’umurwi FC Barcelona.

Umuvugizi w’umurwi FC Barcelone yavuze ko Neymar yaje mu myimenyerezo nk’abandi bakinyi, ariko inyuma y’iminota mike aca asaba ko yosohoka ikibuga, nawe aramureka.

Ikinyamakuru Sport kimenyesha ko umukinyi Neymar abaye umukinyi wa mbere aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru kw’isi ku mafaranga imiriyoni 222 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Ikinyamakuru Sport kimenyesha kandi ko abakinyi bakinana mu murwi FC Barcelona bagerageje kumwumvisha ko yoguma mu murwi ariko biba impfagusa.

Neymar w’imyaka 25 yatanguye gukina mu murwi wa Santos mu gihugu ca Bresil, imbere y’uko aza gukina mu murwi FC Barcelone mu mwaka wa 2013.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.