Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi w’umurundi Bonfils Caleb yafatiwe ibihano na CAF - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi w’umurundi Bonfils Caleb yafatiwe ibihano na CAF

Umukinyi w’umurundi Bonfils Caleb yafatiwe ibihano na CAF

mercredi 4 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ingingo yafashwe na CAF ni iy’uguhagarika inkino zibiri uno musatirizi, bivanye n’inyifato mbi yerekanye, aho yari ahejeje kuronka ikarata itukura kw’ikosa riteye ubwoba, ivyatumye CAF, itanguza amatohoza.

Iruhande y’uguhagarikwa inkino zibiri, umugwi wa Rayon Sports uzotanga ihadabu ringana n’ibihumbi bibiri vy’amadorare (2000USD), ayo akaba yiyongera ku yagera ku bihumbi 15 vy’amadorare muri CAF baciriye uwo murwi wa Rayon Sports, mu rubanza rwabahuza na LLBS4A.

Bonfils Caleb Bimenyimana akaba atazokina mu nkino zibiri za Afrika umurwi wiwe ugiye gukina n’umugwi wa Costa de Sol wo muri Mozambique mu nkino z’igikombe ca Confederation yo muri Afrika.


Callixte NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.