Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukozi wa ACAT Burundi yaciriwe umunyororo w’imyaka 32
Umukozi wa ACAT Burundi yaciriwe umunyororo w’imyaka 32
samedi 28 Ndamukiza 2018, par
Germain RUKUKI yagirizwa ko yifadikanije n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, kandi ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’abaporisi n’abasirikare bagandaguwe kuva kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umunsi haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Sentare yari yamusabiye gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ariko igihano yahawe kikaba ari ic’umunyororo w’imyaka 32.
Germain RUKUKI yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi.
- Germain RUKIKI yaciriwe umunyororo w’imyaka 32
Egide NDUWIMANA
Messages
28 Ndamukiza 2018, 23:45, par Kuri
Imvura izohita ncuti ihangane
29 Ndamukiza 2018, 00:02, par Nyica Nick
Ico gihano nig itoya yagomba gufungwa ubuzima bwiwe bwose mbega izofumvyi nabapfakazi wewe umuryango wiwe harico ubaye .32 ejo bundi uzumva ngo yavuyeyo.
29 Ndamukiza 2018, 18:25, par Mama
Nukuri yaramenje mbese yoyaba aribikunda nishirahamwe mpuzamakungu riharanira agategakazinamuntu ribaryaranatanze ubutungane bwuburundi rikamuha ibihano kuko yaratukishije iryoshirahanwe riharanira agatekakazinamuntu kubona yubahuka guharanira agateka kabamwe agahwatagaza a