IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi bashikirije amakete (...)

Abagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi bashikirije amakete abagena

jeudi 29 Ruheshi 2017

Abo bagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi ni:

Benson Keith Chali, agiye guserukira igihugu ca Zambiya
Seyed Mortazavi,agiye guserukira igihugu ca Iran;
Ravi Shancar, agiye guserukira igihugu c’Ubuhindi;
Elizabeth Taylor, agiye guserukira igihugu ca colombiya;

Felix costales Artieda agiye guserukira igihugu ca Espagne;

JPEG - 61.8 ko
Felix Costales Artieda agiye guserukira Espagne mu Burundi

Diamou Keita,agiye guserukira igihugu ca Mali;

JPEG - 74.6 ko
Diamou Keita agiye guserukira igihugu ca Mali mu Burundi

Mahadjir Ousman Ibrahim,agiye guserukira igihugu ca Tchad, hamwe na
Martin Gomez Bustillo agiye guserukira igihugu ca Argentine.

Uko ari umunani bose bafise ivyicaro mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko canke mu karere k’ibiyaga binini, mu bihugu nka Tanzaniya, Ubuganda, Kenya, Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hamwe na Angola.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi bamenyesha ko kuba abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi bakorera hanze y’igihugu biterwa n’uko baba baserukira ibihugu birenga kimwe, bigatuma bashobora guhitamwo aho bakorera muri ivyo bihugu baserukira.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashikiriza ko ata sano bifitaniye n’umutekano bivugwa ko ari muke mu Burundi, kuko n’abandi baserukira ibihugu vyabo basanzwe barangura imirimo yabo ukuri kwamye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.