IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahawe agashimwe kitiriwe (...)

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahawe agashimwe kitiriwe Mandela

mercredi 27 décembre 2017

Umukuru w’igihugu yahawe ako gashimwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2017, akaba ari kumwe n’abandi bakuru b’ibihugu babiri bo muri Afrika y’Ubuseruko, nabo bahawe agashimwe.

Umukuru w’igihugu wa mbere ni Muganga Pombe Joseph Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, akaba yashimwe ko yakoze mu kubangabunga amahoro n’umutekano wa Afrika y’ubuseruko,intwaro yiwe ikaba irangwa n’ukurwanya igiturire, n’abasesagura itunga ry’igihugu, guteza imbere indero no kurwanya ubukene.

Umurwi utanga agashimwe kitiriwe Mandela wahaye kandi agashimwe umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, kuko aharanira intwaro rusangi no kwubahiriza amategeko kubijanye no kugabura ubutetsi.

Agashimwe kitiriwe Mandela kakaba kashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU itariki 7 za Ruheshi 2014, inyuma yaho Mandela yitavye Imana.

Intumbero y’ako gashimwe ikaba ari iyo guha intege abitanga mw’iterambere rya kiremwa muntu, gutyo ubutwari bwa Mandela bwame bwibukwa.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.