Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ikigongwe abanyagihugu
Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ikigongwe abanyagihugu
jeudi 15 Kigarama 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir, yasavye ikigongwe abanyagihugu biwe, ku makosa yakoze muri kahise.
Ico kigongwe yagisavye kuri uwu wa gatatu, mw’ijambo yashikirije, ry’ukurangiza umwaka, iryo jambo akaba yarishikirije mu nama nshinganmateka.
Muri iryo jambo, yasavye kandi Reta kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara no gushiraho icuka ciza gituma abanyagihugu basubira kunywana.
Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ko hatunganwa ibiganiro bihuza abanyagihugu vyotumirwamwo abaserukira ibisata vyose biserukira igihugu, mu gihe intambara imaze imyaka itatu yasinzikaje igihugu.
Yanagabishije abakoresha imvugo z’urwanko, zibiba amacakubiri n’ubwicanyi, ko Reta izobafatira ibihano bikomeye.
Yarangije asaba abanyesudani y’ubumanuko guhagarika imvugo z’urwanko ku makungu na cane cane ku banyamerika no kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
IGIHE
Messages
15 Kigarama 2016, 15:20, par freedom
arko ubutegetse burimwiki?bantubimana.burimo amaraso yabantu?twibuka twasheshe.mbaz bene dada nida bapfa arinda ntaporitike iriho.ariko nibatureke twibereho.mana garukir afrika
15 Kigarama 2016, 18:41, par Nowera Nimbona
Ubwo Nkurunziza peter azokwubahuka gusabimbabazi kumengo afise umutima nku wafarao wa Egiputa! ariko barateyiso kandi birababaje kubona umurongozi wicubahiro ahitamwo gusesa amaraso yabo yarajejwe gukingira! isi isi ya rashaje.
15 Kigarama 2016, 20:05, par Daniella
None,bizohereraho?Nibamute,mugasho,kamazi..Yumve,kobiryoshe,kwica,abanu,amareyo,imyaka5.Hanyuma,aroce,asaba,ikigongwe,abanyagihugu.NiMana.
15 Kigarama 2016, 20:48, par Daniela
Nibamufate,bmute,mugasho,kamazi,kuko,abo,yishe,nibeshi,abere,akarorero,abandi,ba,president,bomuri,afrika.Kuko,ukoze,inabi,iraguherekeza.
16 Kigarama 2016, 13:38, par Burundi
Nowera.NKURUNZIZA peter ahubwo dukwiye kumushimira.Kuko yakuye igihugu mu manga.Atandukanye na President wa Sudani.Imana imuhezagire cane.Imurinde abasi bigihugu.