IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu agiye gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro (...)

Umukuru w’igihugu agiye gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha

lundi 4 juin 2018

Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE, Zephyrin MANIRATANGA ajejwe gutunganya ingendo z’umukuru w’igihugu, akaba ajewe no gutegura iminsi mikuru ya Reta, amenyesha ko, kur’uwo munsi kazoba n’akaryo ko kurishikiriza abanyagihugu.

Zephyrin MANIRATANGA, asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gutumira ba buramatari b’intara, ba musitanteri, abarongoye imigambwe, n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abarongoye amadini, kugira bitabe ico gikorwa.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.