Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu wa Amerika nuwa Iran basubiye guterana amajambo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Umukuru w’igihugu wa Amerika nuwa Iran basubiye guterana amajambo

Umukuru w’igihugu wa Amerika nuwa Iran basubiye guterana amajambo

Monday 23 July 2018, by vianney

Mu butumwa yahaye abaserukira ibihugu vyabo ku murwa mukuru Tehran,Hassan ROHANI yavuze ko abanyamerika bakwiye gutahura ko intambara na Iran vyosomborotsa intambara zose kandi amahoro na Iran arivyo muvyeyi w’amahoro yose.

Ivyo Hassan Rohani yabitangaje inyuma y’imisi umukuru w’igihugu wa Amerika Donald Trump yemeje ko agiye gusubizaho ibihano mu vy’ubutunzi vyari vyafatiwe Iran kubera casubiriye gukora ibigwanisho ruhonyanganda.

Umukuru w’igihugu wa Amerika Donald Trump abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur yabwiye mugenzi we wa Iran ko ashobora kuzohura n’ingaruka zikomeye cane.

Mu mwaka wa 2015 niho igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bikomeye kw’isi vyasinyanira amasezerano na Iran ko igihugu ca Amerika kizogabaniriza ibihano Iran niyo cahagarika gukora ibigwanisho ruhonyanganda ariko mu nyuma Donald Trump yarikuye murayo masezerano.

Bitekanijwe ko ivyo bihano bizosubizwaho kw’igenekerezo rya 4 Munyonyo, kandi ibigo mpuzamakungu bingana 50 vyamenyesheje ko bizoca biva kw’isoko ry’igihugu ca Iran.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.