IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yagenye ba buramatari batandatu bashasha

Umukuru w’igihugu yagenye ba buramatari batandatu bashasha

jeudi 21 juin 2018

Abo baburamatari ni Thérence BUTOYI agiye kurongora intara ya Bubanza, Frédéric NIYONZIMA agiye kurongora intara ya Bururi, Laurent NICIMBESHE agiye kurongora intara ya Muramvya, Alain Tribert Mutabazi agiye kurongora intara ya Kirundo, Fidele MINANI agiye kurongora intara ya Rutana, na Elie BASHINGWA agiye kurongora intara ya Ruyigi.

Amazina y’abo baburamatari batandatu bashasha, yemejwe n’inama nkenguzamateka kuwa kabiri, igenekerezo rya 19 Ruheshi 2018, hakaba harimwo umututsi agiye kuramutwa intara ya Kirundo, n’uwo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, agiye kuramutswa intara ya Rutana.

Muri abo batandatu, buramatari w’intara ya Muravya yaje nka mushasha cane, kuko iyo ntara yari imaze amezi arenga atandatu atagira buramatari.

Abo baburamatari bemejwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/067 ryo kuwa 20 Ruheshi 2018.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.