Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yagenye bamwe mu bayobozi mu bushikiranganji bw’uburimyi (...)
Umukuru w’igihugu yagenye bamwe mu bayobozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi
mardi 5 décembre 2017
Abo bagenywe ni Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi hamwe na Ingenieur Diomede NDAYIRUKIYE yagenywe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.
Uwundi yagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/229 ryo kuwa 28 Munyonyo 2017, ni Ingenieur Jean Claude MBARUSHIMANA yagenywe kuba umuyobozi ajejwe uburimyi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.
Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa yari asanzwe akorera mu gisata c’ikawa, muri koperative Community Coffee Collective.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 décembre 2017, 12:35, par Busurahende
Nabanze akure umushikiranganji ajejwe ivy’indimo kuko ntavyo ashoboye, nta nivyo azi. Ingingo zose ziraba ubwo bushikiranganji zifatwa na Barandagiye Pascal. Kuberiki ?
7 décembre 2017, 07:33, par SIRAHENDA
mbega umu DAF wo muri ISABU we azomukura ryari ko arangwa n’ubusuma n’ubunyonyezi ? Genda muri ISABU mwirabire imiduga amaze gucura acuranura atwara mu buyenzi kuyikoresha ikagaruka ari ibi carcasses ibeni imwe yo yayinyegeje muri Prébase. Biracaza turiko turamugirira dossier. Ya ma tolérance zéro umukuru wa CNDD aheruka kuvuga, n’akarimi gusa