IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yagenye bamwe mu bayobozi mu bushikiranganji bw’uburimyi (...)

Umukuru w’igihugu yagenye bamwe mu bayobozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi

mardi 5 décembre 2017

Abo bagenywe ni Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi hamwe na Ingenieur Diomede NDAYIRUKIYE yagenywe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.

Uwundi yagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/229 ryo kuwa 28 Munyonyo 2017, ni Ingenieur Jean Claude MBARUSHIMANA yagenywe kuba umuyobozi ajejwe uburimyi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa yari asanzwe akorera mu gisata c’ikawa, muri koperative Community Coffee Collective.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nabanze akure umushikiranganji ajejwe ivy’indimo kuko ntavyo ashoboye, nta nivyo azi. Ingingo zose ziraba ubwo bushikiranganji zifatwa na Barandagiye Pascal. Kuberiki ?

  • mbega umu DAF wo muri ISABU we azomukura ryari ko arangwa n’ubusuma n’ubunyonyezi ? Genda muri ISABU mwirabire imiduga amaze gucura acuranura atwara mu buyenzi kuyikoresha ikagaruka ari ibi carcasses ibeni imwe yo yayinyegeje muri Prébase. Biracaza turiko turamugirira dossier. Ya ma tolérance zéro umukuru wa CNDD aheruka kuvuga, n’akarimi gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.