IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Umukuru w’igihugu yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku mvukira za (...)

Umukuru w’igihugu yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku mvukira za komine Ntahangwa

Tuesday 3 July 2018, by vianney

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu nyigisho ziwe yashikirije imvukira za komine ya Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura zashingiye kubijanye no kunagura ibikorwa vyiza vyaranze kahise k’igihugu c’Uburundi.

Izo nyigisho zo gukundisha igihugu,umukuru w’igihugu yashikirije imvukira za komine Ntahangwa zizofasha abanyagihugu kugira bamenye kahise ba sokuru baraze abarundi hamwe no kuzofasha urunganwe ku rundi kumenya ivyo barazwe na ba sokuru.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashimishwa n’intambwe inyigisho zo gukundisha igihugu zigezeko aho atanga akarorero k’umunezero waranze abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bitavye ibirori vyo ku musi wo kwikukira ku musi wa mbere uheze.


IGIHE

Forum posts

  • Uwutera Uburezi arabwibanza

  • Ntakundi Nibihangane Kuko Baribariye Ibitari Bike. Nibareke Abandi Baryeko. Ahubwo Reta Nirabe Yibuke Nabahoze Kurugamba Kugira Natwe Turyeko Kuko Baraziko Catuvunye Ntakugugumwa.

  • Nyakubahwa President ndagushimira kuri ako kogoro mugira .Ariko imponga aracari ndende kugukunda igihugu.Uravye corruption urugero igize ko biteye ubwoba .turi mu ba mbere kwisi bigstuma tuba iciro ry ‘umugani mu makungu,bigatuma abagwizatunga batazana imitahe.Bamwe mu barirumdi baba mi mahanga basigaye batinya kwitwa abarundi kuko baca babona ko uva muri cagihugu kirya igiturire itacamira,umunyagihugu ahagaruka uwundi akamuboha agatako akamubita buyoka atacamira kandi dufise igipolice ,des procureurs ,abacamanza bategerezwa kubikora .None Uko ni gukunda igihugu ?Mutama President wacu Nk umunyagihugu muto ,urugamba rwo kurwanya igiturire ni urugamba rukomeye rutarwanywa n’amajambo,kurya igihugu kirwanya ninguvu abansi bigihugu bitwaje intwararo ugurura urugamba kuri abo bantu bateza rubwa intwaro yawe rubwa mu gusahura igihugu bitwaza ngo carabavunye kandi uzi ko urugamba atari abo barugwanye ariko rwari urwa twebwe abanyagihugu.
    Ikindi burya umuntu naho woba umwanka iciza akora wokirabira ko kubitiza ijisho muri Tanzania kwa Nyakubahwa magufuli urabe urugamba arimwo rwigiturire bishobotse mugende mumusabe iciyumviro.nyakubahwa kubitiza ijisho kw isuku ry igisagara ca Buka biteye ubwoba ahantu hari maire de la ville abanyagihugu batanga amahera yo gukura umwanda ariko ntukurwe none ntaco mubona ko igiturire ari cose.
    Nyakubahwa nabo musangiye hamwe mworuza aba bamenja barya igiturire ,mukagarukira agateka ka zina muntu ,mukigisha abanyagihugu ico urwego rwose rukora ,muzoja mukaruhuko mwiyambitse iteka .Murakoze mutama wacu.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.