Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano umuyamabanga mukuru wa (...)
Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano umuyamabanga mukuru wa COMESA
mercredi 24 janvier 2018
Inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA,umunyamabanga mukuru wa COMESA Sindiso NGENYA yavuze ko yari aje gushima kuba inama nshingamateka yaremeye ko inama ya COMESA ibera mu nyubakwa zayo.akaba yahawe umubonano n’umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi.
Sindiso NGENYA, umunyamabanga mukuru wa COMESA yavuze ko ari umunezero kuri we, kubona igihugu c’Uburundi atakwo kitagira kugira inama ya COMESA igiye kubera I Bujumbura izogende neza.
Umunyamabanga mukuru wa COMESA akaba yayeteye akamo abarundi bose gukora ibishoboka ,vyose kugira iyo nama izogende neza.
Ku ruhande rwiwe,umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yavuze ko Uburundi bugiye kuhungukira cane.
« Hamwe abakuru b’ibihugu 19 bigize COMESA bose bokwitaba iyi nama, Uburundi bwohungukira cane.Bokwibonera ko Uburundi ari igihugu gitekanye.Tugiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo nama izogende neza. »
Inama ya COMESA ikaba itegekanijwe mu ntango z’ukwezi kwa kane.
BUKURU Pacifique
Messages
25 janvier 2018, 22:45, par vital irankunda
Abarundi twese dukwiyekwamanuwomutima wokwitanga tukamatubakarorero keza mumakungu,murakoze