Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwirinda imvugo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwirinda imvugo (...)

Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwirinda imvugo zitabereye

mardi 6 février 2018

Mu gihe inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, umukuru w’inama nshingamateka yuguruye ibikorwa bisanzwe vy’inama nshingamateka vyo mu kwezi kwa Ruhuhuma,yamenyesheje ko mu kiringo c’ibikorwa bazokwiga integuro z’amategeko 12 barungikiwe na Reta.

Muri izo nteguro z’amategeko harimwo integuro y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, integuro y’itegeko rigenga ingene imanza z’ivyaha zicibwa n’izindi, itegeko rigenga ibijanye no kworora n’izindi.

JPEG - 31.6 ko
Pascal NYABENDA, Umukuru w’inama nshingamateka

Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko hari gishasha kizokwibonekeza mu nteguro y’amategeko azokwigwa, ico naco kikaba kijanye n’ishingwa ry’ibanki ya Afrika ijejwe guhanahana ibidandazwa .

Igikorwa co gutanguza ibikorwa carabaye kandi no mu nama nkenguzamateka, ku muhingamo wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018.

Ibikorwa vyuguruwe icese n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO, imbere y’abakenguzamateka, abashikiranganji bamwe bamwe, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi , n’abandi.

Mu gihe mu nama nshingamateka bazokwiga integuro z’amategeko 12, mu bikorwa vy’inama nkenguzamateka vy’ukwezi kwa Ruhuhuma 2018, abakenguzamateka bazokwiga integuro z’amategeko 13 barungikiwe na Reta.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.