Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA yarekuwe
Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA yarekuwe
mardi 4 Gitugutu 2016, par
Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA utavuga rumwe n’ubutegetsi, ukaba uri mu runani CNARED yarekuwe. Yari amaze iminsi itanu apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura.
Yari yafatiwe i Makamba, mu gihe yari mu bikorwa vy’akazi kiwe.
- Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA
Agifatwa, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko uwo munyeporitike yagirizwa gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.
N’umurwizatunga Gédéon GIHAGA w’imyaka 74 yahora apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2016 yarekuwe. Yahora yagirizwa ivyaha bibiri, nk’uko vyari vyashikirijwe nyene n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, ko umurwizatunga yagirizwa ugutanga igiturire hamwe n’ukugerageza kwica umuntu (Corruption et tentative d’assassinat).
IGIHE
Messages
4 Gitugutu 2016, 13:50, par nadine20
Mbega Nkurukiye nibaza uwakugize UMUVUGIZI Wa police ubushobozi yabonye ufise sha ivyo ushikiriza vyose urabesha kandi bigira ingaruka ku mutekano ariko reta ya DD tamategeko bagenderako kumva ku barogonzi bu butungane kugeza ku mutekane Bose bakorera umugabwe ni nyungu zabo igihungu kitagendera kumategeko kibamo ubwicanyi nu kunyereza umutungo
8 Gitugutu 2016, 16:11, par Niyonkuru Emmanwel
Nukuga Mugihe Yoba Yarakoze Amabi Nkayo Yohanwa Hisunze Amategeko Kuko Ukudahanimbwa Bigwiza Imisega Twebwe Abantu Nkabenabo Bagomba Kudusamburirako Ntabo Dushaka Ahubwo Nabandi Bari Murivyo Nibafatwe Bahanwe Gose