Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’umugambwe FNL asaba abavukagisagara kwitaba igikorwa co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe FNL asaba abavukagisagara kwitaba igikorwa co (...)

Umukuru w’umugambwe FNL asaba abavukagisagara kwitaba igikorwa co kwiyandikisha

mercredi 14 février 2018

Igihe yari ahejeje kwiyandikishiriza muri zone Musaga, ngo azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro hamwe n’ayo mu mwaka wa 2020, Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL yavuze ko igihugu ari nk’umuvyeyi, arico gituma bakwiye kurengera ico cose coza kubateranya n’igihugu.

Jacques BIRIMANA yateye akamo abantu bo mu makomine yose, amazone, imigambwe yose, no mu madini mu budasa bwabo, baze bemere nk’abanyagisagara, ko ari abarundi kandi bipfuza kugengwa n’amategeko bo nyene nk’abarundi bitoreye.

Umukuru w’umugambwe FNL atera akamo kandi abo bose igikorwa co guhindura ibwirizwa nshingiro kigomba gutera ubwoba, kuko ata gihugu na kimwe cemera gutorerwa amategeko n’abanyamahanga.

PNG - 637.5 ko
Jacques BIGIRIMANA, Umukuru w’umugambwe FNL

« Duteye akamo abafise ubwoba kuri ico gikorwa,ntibagire ubwoba kuko nta gihugu na kimwe kitagira amategeko, kandi ntacemera gutorerwa amategeko n’abanyamahanga, igihugu iyo bishitse kikaba kirimwo umutekano, nkuku hakagera ko bayasasagaza babicishije mu mategeko meza bitoreye, nta ciza coza gisumba ico. »

Asaba abafise ubwoba ko hari icinyegeje inyuma mu gikorwa co guhinyanyura ibwirizwa shingiro, kwumva ko ari akamo,ari iteka , ko ari igihugu cabateye akamo.

Jacques BIGIRIMANA arangiza asaba abanyagisagara kwibuka ibihitiye mu gisagara, ko arico camye kiba ica mbere mu bugizi bwa nabi.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.