Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Umukuru wa komine Busiga ari mw’ibohero
Umukuru wa komine Busiga ari mw’ibohero
lundi 8 Rusama 2017, par
Romain Ndagabwa, Musitanteri wa komine Busiga mu ntara ya Ngozi abarizwa mw’ibohero kuva mu gatondo ko kuri uwu w’Imana.
Yagirizwa ko ariwe yatanze uruhusha ku badandaza, rw’ukugura ikawa abarimyi batabanje guyicisha mw’itonorero, nk’uko ikigo ARFIC kijejwe gukurikirana ivy’ikawa kibisaba.
Uwo mukuru wa komine Busiga akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi. Umutahe w’ukumuhagarika wasohotse mu gihe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu hafashwe imifuko y’ikawa yari itwawe kudandazwa mu kinyegero, mu gihugu c’Urwanda. Iyo kawa yafatiwe muri komine Kabarore, intara ya Kayanza.
IGIHE
Messages
8 Rusama 2017, 09:52, par Berchmans
Kabarore Ntiri Mu Ntara Ya Ngozi Iri Mu Ntara Ya Kayanza.Ikindi Ntiyatanze Uruhusha Rwo Kugura Ikawa Yatanze Uruhusha Rwo Kugura Ibisorwa Abenegihugu Baba Batonoye Kubera Kwizine Batabigura Abanyagihugu Rero Baca Babisya Bakavyanikira Hanyuma Bakabigurisha.
8 Rusama 2017, 19:12, par JEAN
EREGA IGIHUGU GITEGEREZWA KUJA KUMURONGO NIBATOHOZA BAGASANGA SIVYO UBUTUNGANE BUZOMWEZA .
9 Rusama 2017, 18:44
Bamuraharana muzihonya
10 Rusama 2017, 06:56, par REVERIYE
NONETAKUTUMWODUFASHA MUNKATURUGIKIRA AMAHERA TWEGETURIMUMUMBABARO MWISHICANE MWOSHOBORAKUTURUGIKIRA KUYUMUHORANYENE INYISHU KOBISHOBOKA UMUROBAMUKOZE?