Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyereza Arsène Wenger agiye gusezera umurwi Arsenal - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza Arsène Wenger agiye gusezera umurwi Arsenal

Umumenyereza Arsène Wenger agiye gusezera umurwi Arsenal

vendredi 20 avril 2018

Arsene Wenger ava mu gihugu c’Ubufaransa, uno munsi afise imyaka 68 y’amavuka, yari amaze imyaka 22 amenyereza umurwi Arsenal.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko Arsene Wenger yemeje ko agiye gusezera umurwi Arsenal, amaze kuvyiyumvirako akavugana kandi n’umurwi.

Ati : « Maze kwiyumvira cane kandi nkavugana n’umurwi, nibaza ko ari igihe ciza kuri jewe co kuva mu murwi, inyuma y’ihiganwa. »

Arsene Wenger yamenyereje umurwi Arsenal mu nkino 1228, muri izo 823 ni izo mu mw’ihiganwa ry’uUbwongereza.

JPEG - 32.9 ko
Arsene Wenger, amenyereza umurwi Arsenal

Amakuru dukesha ikinyamakuru Eurosport.fr amenyesha ko, amazina y’abashobobora kumusubirira yamaze kumenyekana, aha ni nka Patrick Vieira yakiniye umurwi Arsenal, Carlo Ancelotti na Luis Enrique yamenyereje umurwi FC Barcelone.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.