Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba z’abigeme yizeye gutahukana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba z’abigeme yizeye gutahukana (...)

Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba z’abigeme yizeye gutahukana intsinzi

jeudi 2 novembre 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kane igenekerezo rya 2 Munyonyo 2017, Daniella NIYIBIMENYA amenyesha ko abakinyi bose bameze neza kandi ata bwoba bafise kuko biteguye neza.

Daniella NIYIBIMENYA yavuze kandi ko abakinyi bose bameze neza, kuko ata mvune n’imwe iribonekeza mu bakinyi, ibituma bizera ko bashobora gutahukana intsinzi bafatiye kandi k’urugero bagezeko.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abigeme amenyesha kandi ko hari icizere co gutahukana intsinzi biseunze urugero rw’abakinyi bakinisha.

Ati :« Icizere dufise n’uko dufise abana bakiri bato. Twizeye rero ko dushobora kuronka intsinzi. »

JPEG - 29.8 ko
Daniella NIYIBIMENYA ,umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abigeme

Naho biri ukwo, umumenyereza Daniella NIYIBIMENYA yashikirije amakenga bafise yisunze umwanya abakinyi bagirirako imyimenyerezo.

« Ikibazo dufise gusa n’uko abakinyi benshi ari abanyeshuri. Mu masaha y’igitondo baba bari mw’ishuri, mu gihe mu bihugu bikoresha ururimi rw’icongereza ubu bari mu buruhuko. Ivyo bica bituma tugira imyimenyerezo mu masaha y’inyuma y’umutaga gusa. »

Daniella NIYIBIMENYA avuga ko hari hakenewe ihiganwa rikomeye ry’abigeme n’inkino za kivandimwe nyinshi kugira imirwi y’abigeme ikomere.

Ku ruhande rwiwe, kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Asha Jaffar,nawe yemeza ko biteguye neza, kuko gushika ubu ata kibazo bafise mu myimenyerezo.

Nk’umumenyereza wiwe, kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’abigeme Asha Jaffar asaba abakunzi bose b’urukino rw’umupira w’amaguru kuza kubashigikira ari benshi kur’uno wa gatandatu.

Mwomenya ko ari ku ncuro ya mbere umurwi nserukira gihugu w’abigeme Intamba mu Rugamba uja mu mahiganwa mpuzamakungu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.