Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yarengutse mu butungane
Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yarengutse mu butungane
mercredi 21 Ntwarante 2018, par
Kuri Sentare nkuru ya Mukaza, igihe c’isaha zitatu zibura, umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA yari yashitse. Kw’isaha zine zirenga iminota 15, ntiturashobora kumenya urubanza rukurikirana uwo mumenyeshamakuru, akaba ariko yumvirizwa n’abamutumyeko.
Umutahe wo kurengutsa uwo mumenyeshamakuru wateweko umukono n’umushikirizamanza Alexis BANDYATUYAGA kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19 Ntwarante 2018, umenyesha ko arengukishijwe ku mvo z’amatohoza.
- Umutahe w’ukurengutsa mu butungane Judith BASUTAMA
Imbere y’uko arengutswa mu butungane, Judith BASUTAMA yabanje kwumvirizwa n’urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, akaba yabajijwe ku makuru yakoze. Uwo mumenyeshamakuru avuga ko yari yashimye ingene yaganiriye na CNC, akaba adatahura urundi rubanza rwoba rumukurikirana.
Ibijanye n’ivyo yabajijwe, turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
- Judith BASUTAMA, umumenyeshamakuru wa BBC akorera i Bujumbura
IGIHE
Messages
21 Ntwarante 2018, 12:13, par eric
ahamuburundi ntabutunganebuhari ndababaze aharubutungane bokwicumuntu ngonukwatiyandikinshije . ngohamamuburundingoharubutungane nahombahora nkuwomumenyeshamakuru bamuronderakwiki
21 Ntwarante 2018, 20:00, par jean
Andika hano hamakyvugako atabutungane buharimuburundi ahoburireronihe?gusingoranedufisabarundinukivyotubonangonibibi atabarivyobibi kandunurundiniweyavuzati:ugayuruhu arigoruguhayinyama