Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yari intwari mu kazi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > "Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yari intwari mu kazi"

"Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yari intwari mu kazi"

mardi 27 Ruheshi 2017

Umuyobozi w’ikinyamakuru “ UBUMWE “ Donatien NSABIYUMVA mu kiganiro yahaye ikinyamakuru “ IGIHE “ yamenyesheje ko umumenyeshamakuru TIGIRI Therence yari umukozi abushitse arangwa n’ubwira hamwe n’umwete mu kazi kiwe.

Donatien NSABIYUMVA yavuze ati : “Aho ari mu kazi kiwe wasanga hari umunezero n’akanyamuneza kuko yaremesha abandi mu bikorwa.

Muvyo yari asanzwe arangura mu bikorwa vyo mu kazi ka minsi yose, Donatien NSABIYUMVA yavuze ko kubera uburambe mu kazi, TIGIRI Therence yari afise, yari mu bafasha kumenyereza akazi abandi.

JPEG - 39.8 ko
Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI w’ikinyamakuru “UBUMWE“

Donatien NSABIYUMVA yavuze ati : “ Tubuze umumenyeshamakuru w’intwari .

Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yavukiye ku musozi Munanira, muri Komine BISORO, mu ntara ya Mwaro, mu mwaka w’i 1962 akaba asize umupfasoni n’abana 4.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.