Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyafrika Mohamed Salah yahawe agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umunyafrika Mohamed Salah yahawe agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka

Umunyafrika Mohamed Salah yahawe agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka

lundi 23 avril 2018

Mohamed Salah w’imyaka 25, yiyerekanye cane mu gihugu c’Ubwongereza, yatsindiye umurwi wiwe Liverpool ibitsindo 31, bituma atorwa n’abakinyi bagenziwe nk’umukinyi yigenjeje neza.

Uwo mukinyi ava mu gihugu ca Misiri, abaye umukinyi wa kabiri ava ku mugabane wa Afrika aronse ako gashimwe, inyuma ya Riyad Mahrez ava mu gihugu ca Alijeriya yagahawe mu mwaka wa 2016.

Mu gihe Mohamed Salah yabaye uwa mbere, umubirigi Kevin De Bruyne yafashije umurwi Manchester City gutwara igikombe c’ihiganwa ry’Ubwongereza yatwaye ikibanza ca kabiri, mu kibanza ca gatatu haza umusatirizi wa Tottenham Harry Kane.

Abandi bakinyi bahawe agashimwe, ni umusatirizi wa Manchester City, Leroy Sane, yatowe nk’umukinyi mwiza akiri muto.

Mohamed Salah yatowe kandi nk’umukinyi mwiza w’umwaka ku mugabane wa Afrika, aracafise amahirwe yo gutorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, hamwe n’umukinyi mwiza yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino mu Bwongereza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.