Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umurimyi-mworozi Karori MBONANKIRA yashikirije umukuru w’igihugu ikibazo (...)
Umurimyi-mworozi Karori MBONANKIRA yashikirije umukuru w’igihugu ikibazo afise
jeudi 13 Mukakaro 2017, par
Umurimyi-mworozi Karori MBONANKIRA avuga ko afashwe mu mugongo yoshobora guteza imbere igisata c’uburimyi mu Burundi, akongera agashobora gutanga akazi ku bantu bagera ku majana atatu ku munsi.
Uwo murimyi agira ati : "Amafaranga y’amarundi atakaza agaciro kubera umwimbu dukura hanze kandi dushobora kuvyirimira aha mu Burundi."
Karori MBONANKIRA arashima utwigoro Reta y’Uburundi igira mu guteza imbere igisata c’uburimyi mu Burundi, ariko agasanga uburyo buhabwa ubushikiranganji bw’uburimyi ari buke agereranije n’ibikenerwa n’abarimyi. Imwe mu ntambamyi imubuza gushika ku mwimbu ushimishije, Karori MBONANKIRA avuga ko ari ikiringo gito ahabwa ku matongo ya Reta arimamwo, bigatuma amabanki atamuha ingurane aba yipfuza.
"Amatongo ndimamwo amwe ni rwanje ayandi ni ayo Reta intiza, ariko bakampa amasezerano y’imyaka itanu yongerwa. Muri ico gihe nkeneye ingurane muri banki ntibaheza ngo banshikanire ku rugero mba nkeneye.", uko niko uwo murimyi-mworozi asigura ikibazo afise, agasaba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe nawe nyene akunda uburimyi ko yomufata mu mugongo, amasezerano y’ukumutiza amatongo ya Reta arimamwo agashikanwa ku myaka 20 canke irenga, kuko ku bwiwe, ari navyo vyomufasha gusaba ingurane muma banki.
Kuri ico kibazo Karori MBONANKIRA yashikirije umukuru w’igihugu, umuvugizi wiwe, Jean Claude KARERWA NDENZAKO asaba uwo murimyi-mworozi ko yokwitura umushikiranganji w’amatongo n’ibidukikije, umushikiranganji w’uburimyi hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Karori MBONANKIRA asanzwe ari umurimyi-mworozi akaba n’umurwizambuto. Arima ibiraya, umuceri, ibiharage, ingano, ibigori, hamwe n’imyumbatimu. Akorera mu ntara za Kayanza, na Ngozi, ariko akavuga ko Reta imutije amatongo yayo ataco ariko arakorerwamwo, yokorera no mu zindi ntara. Muri uwu mwaka wirima, amenyesha ko yiteze umwimbu w’amatoni arenga 250.
- Umurimyi-mworozi Karori MBONANKIRA
Huguette NKURUNZIZA
Messages
13 Mukakaro 2017, 12:13, par mbonankira charles
Jewe mbonankira charles ndasavye nyenicubahiro umukuru wigihugu cacu andonderere abahinga muburimyi baze bashire mungiro ivyo IMANA yampishuriye iyomigambi iranditse ndafise bizinesi purane yanditswe numuhinga yavyigiye jewe nzorima ndikumwe nabenegihugu bahurikiye muri COOPERATIVE CPSB ibikenewe ubuhinga nkokurimisha imashini irigasiyo kubika umwimbu nokuwuhingura nukworora muburyo bwanone noguhingura ibifungurwa vyibitungwanijew mbonankira charles turafise aho turiko turakorera amahegitare ashika 200ha intumbero nukugira tuduzumwimbu kugira turwanye inzara inyu bizozana nivyakorwa1 kugabanura ibicirivyibifungurwa ifaranga ryuburundi rica rigira agaciro kuko tuzoba tugabanuye gukura ibiva muburimyi mubindibihugu 2hacahaboneka akazi kenshi kubajeni kuko amahinguriro atanga akazi kubantu benshi nibwaburimyi nyene navuze hejuru ubudandaji buriyongera kontabirite taransiporo kominikasiyo ico twifuza gushikako nuko abibaza kobahembwa imishara mitoya ica igira agaciro kubera tuzoba twagabanuye ibiciro civyo basanzwe basuma ikibazo kodusuma ibivuye mubindi bihugu ifaranga ryogiragacirogute? kuko nitubigura amarundi tubigura amadovize ikindi kibazo none amadovize yogwiragute dusumira mubindi bihugu tutariko turashoranatwe dushorabike tukagura vyinshi hagaca haboneka bikeya dushora bacumugani ngubusumano buhazumutwe birababaje kubona ibihugu naciyemwo bafise umwimbu ukwiye kandi ari mubugaragwa nka ejibuti bakoresha amazi avuye iwacu mugabo twebwe twishwe ninza naciye ejibuti izirayeri tilkiya incuro zibiri zibiri kumbe narimuri sitaje yijuru jewe rero nditeguye gukorerigihugu mukwerekana pura imana yampishuriye muburimyi nkuko mubibona murashobora kuvuga ngontamahera yokubikora ayogusuma yoyo avahehe? jewe singomba kuvigumizamwo imyaka cumi 10 ndabimazemwo ndazi ibitaribike nivyo nabonye murivyo bihugu ndababara iyombonye abarundi benshi bashonje kandi muma oneje huzuye amafaranga nganayo gufasha bantahonikora none ntahonikora azotezimbere igihugu gute nawe nyene atitejimbere intererano notanga nibafashe abikorerivyabo nahone bakurikirane kugira amafaranga akore ico aba yagenewe murabeko umwimbu utabamwinhsi mumwaka 2015 narimye ibigori bita ibiridi 15ha nimbuye 80tone naciye mpagarika kubirima kubera ingorane nagize mukubura ubuhinga nkahangare aho kuvyanikira ama ambaraje muncamake konserevansiyo jewe sinavyize mumashuri ntanamashurinize ariko narigijwe ni MANA kandi ndimubantu bashobora gutanga intererano kuco korwa kugira tuve mungorane turimwo zitandukanye zisambura igihugu nabenegihugu ndanginje nsaba nyenicubahiro umukuru wigihugu cacu ukuntu acakubiti nokumabuye kugirango igihugu cacu cogorore kive mubibazo catejwe nabeneco nyenicubahiro jewe ndinyuma yawe nabandi barundi isinzi IMANA abajimbere kumigambi myiza mufitiye igihugu ntankeka uburundi buzokwogorora amahanga azohurumbira igihugucacu aderese ter 79928549/69039687 site web: www.cpsburundi.org
13 Mukakaro 2017, 18:47, par mbonankira charles
13 Mukakaro 2017, 21:45, par mbonankira charles
kuberiki abantu benshi batinyakurima nicogituma abantu bitangira uburimyi barakwiye gushigikirwa muburimyi
22 Mukakaro 2017, 13:44, par mbonankira charles
IKINTU NYAMUKURU KIZOTUMA UBUSHOMERI BUGABANUKA NUBURIMYI KUKO MUBURIMYI HARAKAZI KENSHI KANDI UMWIMBU UBAYE MWINSHI NIFARANGA RICA RIGIRA AGACIRO UMWIMBU UBUZE IFARANGA RICA RITA AGACIRO SEGITERI PIRIVE IRAKWIYE GUSHIGIKIRWA KUGIRA UMWIMBU UBONEKE NACANECANE MUGUSHIRAHO BANKI YUBURIMYI KUNYUNGU ITAVUNA ter 79928549/69039687
26 Nyakanga 2017, 08:44, par mbonankira charles
UBURIMYI NIGISATA GIKOMEYE GIKWIYE KWITABWAHO KURUSHA KUKO GITUNZE ABARUNDI 90% NDASAVYE ABANYAMITAHE BAZE DUKORANE MUBURIMYI NDAFISE 138ha hokurima
23 Nzero 2018, 08:45, par NIKUZE Thierry
BONJOUR, nukuri nivyiza cane kubona umuntu afise ivyiyumviro nkivyo vy’iterambere kubarundi bose nivyiza ko dukura amaboko mumpuzu tugakora tukava muvyo kwama tuzeyinze kubanyamahanga kuko natwe turashoboye kandi ndabwira cane urwaruka kuko nibo Burundi bwejo ntimwige muguma mwiyumvira ngo Leta izompa akazi ahubwo nimwihangire imirimo mukore kuko na Leta kwoba ari kuyiremera kuko sinibaza ko abantu bose bize nabariko bariga ko yoronka akazi bose bakora.Mutama charles je kugiti canje nzokurondera dukorane umpe ivyiyumviro kuko ndarima kandi numwuga nkunda cane ariko sindagera kure nkawe ariko ndizeye neza ntakekeranya ko nzogera kure muburimyi .
MURAKOZE