Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Big Fizzo yarabiciye biracika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Big Fizzo yarabiciye biracika

Umuririmvyi Big Fizzo yarabiciye biracika

jeudi 27 Kigarama 2012

Kuri uyu w’Imana itariki 23 kigarama abakunzi b’umudiho wa Rap na Hip Hop bararonse akaryo ko kubona no kwakira Big Fizzo, Sat B n’abandi baririmvyi batarashika kure mu mwuga wo kuririmba mu giteramo cabereye mu Kanyosha.

Abantu bari bamenyereyeko ibiteramo bibera mu bibuga vy’inkino canke mu zindi nzu zinini z’amahuriro zakira abantu benshi, ariko igiteramo co kuw’Imana uheze carimwo abaririmvyi Big Fizzo, Sat B n’abandi baririmvyi cabereye mu kabare bita «kwa vy’isi» kari mu Kanyosha.

Ico giteramo cari gutangura isaha umunani z’umuhingamo ariko kikaba catanguye isaha icumi na zibiri n’igice z’umugoroba kubera imvura nyinshi yaguye nayo ivyuma vyari vyakoreshejwe mu kugira amajwi ashike kure bikaba vyarerekanako aho hantu hari abaririmvyi bo ku rugero runini.

Mu kibanza c’iteka ahari hasharijwe mu buhinga bwerekana umunsi mukuru wa Noweri, abantu barashobora kuraba uko igiteramo kiriko kiragenda mu mboneshakure canke bakabiraba amanso mu yandi.

Inyuma yaho rero abaririmvyi bakiri ku rugero ruto mu mwuga wo kuririmba bari bahejeje kuririmba, umuririmvyi Sat B yaciye nawe atangura aho yakiriwe n’amashi menshi y’abari bitavye ico giteramo. Muri uwo mwanya nyene uwariko aravuga uko ibintu bikurikirana Sam Over Mix, yaciye amenyeshako umuririmvyi Sat B abaye General, umuririmvyi Big Fizzo nawe aduze ipete akaba yaciye aronka ipete rya Amiral nkuko mbere umu General mushasha yaciye abivuga mw’ijambo ryiwe yakira mukuruwe Amiral Big Fizzo.

JPEG - 87.3 ko

Igihe yari atanguye kuririmba,Sat B yarakiriwe n’amashi menshi akaba yariko asubiramwo indirimbo nka Passion,Inkuru y’ukuri,Naramwishe hamwe n’ikinyamugigima,abari ngaho nabo nyene baratamba bongera baririmba.

Inyuma ya Sat B uwari arindiriwe yari Big Fizzo.Igihe yariko asubiramwo indirimbo ya mbere umuyagankuba waciye ucika bikaba vyatumye hahera iminota 20 igiteramo cahagaze ariko ntivyabaciye inkokora kuko umuyagankuba ugarutse Big Fizzo yaciye asubiramwo indirimbo Urukumbuzi aho abari baje muri ico giteramo baririmba bamufasha bibonekako iyo ndirimbo bayizi.

Ico giteramo kikaba carangiye isaha zine n’iminota cumi n’itanu z’ijoro,bikaba vyarabonetseko indirimbo z’abarundi n’ abaririmvyi b’abarundi biriko biratera imbere.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.