Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo nshasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo nshasha (...)

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo nshasha izohinyanyurirwa muri Afrika

mardi 22 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha ko mu ndirimbo ‘’igitego’’ atanga akarorero k’umukinyi w’umupira w’amaguru agerageza kugira icenga iyo yigenjeje neza igitego kikinjira.

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko ubutumwa ashaka gutanga muri iyo ndirimbo ’’igitego’’ ari uko mu buzima bwa minsi yose ata muntu n’umwe yankwa na bose canke akundwe na bose, kuko n’Imana yaturemye hari abatayemera.

Kubwa Jean Marie AHISHAKIYE igitego cinjira mu buzima avuga mu ndirimbo yiwe ni mu gihe abantu baguhisha ko bakwanka nawe ukabahisha ko ubizi mugaca mubana nk’abavukanyi.

Indirimbo ‘’igitego’’ ya Jean Marie AHISHAKIYE ntiraja mu nzu yo guhinyanyura indirimbo (studio), ariko amenyesha ko iyi ndirimbo ategekanya kuyikorera mu nzu imwe ihinyanyura umuziki yo mu gihugu kiri ku mugabane wa Afrika, akazoca ayikorera n’amashusho.

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE ahamagarira abakunzi b’umuziki w’Uburundi kwitaho abaririmvyi b’abarundi kandi bakabashigikira mu bijanye n’uburyo, kuko Uburundi bufise abaririmvyi benshi kandi bashoboye, ariko uburyo bubagora.

Jean Mari AHISHAKIYE yemerera abakunzi b’umuziki ko azokora ibishoboka vyose kugira indirimbo ‘’igitego’’ ishikire benshi bashoboka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.