IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umurundi yahora aba muri Amerika yagirizwa ubwicanyi yarungitswe mu (...)

Umurundi yahora aba muri Amerika yagirizwa ubwicanyi yarungitswe mu Burundi

samedi 24 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Clément NKURUNZIZA ariko abazwa kuvyo yagirizwa ko afise uruhara mu bwicanyi bwakozwe kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Uwo murundi yirukanwe muri Amerika mu gihe vyari vyasabwe ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bumubaze kuvyo yagirizwa.

JPEG - 10.8 ko
Clément NKURUNZIZA yahora aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yakirwa n’igiporisi c’Uburundi

Petero NKURIKIYE avuga ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza niyahera, Clément NKURUNZIZA azoshikirizwa ubutungane.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.