Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wagenye abagize imirwi itegura amatora mu gisagara n’intara ya (...)
Umurwi CENI wagenye abagize imirwi itegura amatora mu gisagara n’intara ya Bujumbura
samedi 23 décembre 2017
Igikorwa co gushira ku mugaragaro cabaye inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama 2017, gikorwa n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE.
Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko mu gisagara ca Bujumbura abagize umurwi CEPI ari batanu, mu gihe mu ntara ya Bujumbura Rural ari 11.
Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze kandi ko umurwi utegura amatora mu ntara CEPI ugizwe n’umuntu umwe aserukira ikomine, hakiyongereko abantu babiri harimwo umukuru wa w’ibiro vy’umurwi CEPI.
Ku bijanye n’ingene ibikorwa vyo gutegura amatora biriko biragenda, Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko bamaze kuvugana n’abazotanga ibikoresho vyo kwandikamwo abazokwitaba amatora, mbere n’igikorwa co guhiganirwa amasoko kikaba caratanguye.
Mu kiganiro yagiranye n’abanyamigambwe bari kumwe n’abanyeporitike kw’igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko bitegekanijwe ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba mu kwezi kwa gatanu 2018, mu gihe ata cohinduka.
MUGISHA Van Naris