Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wahamagaje abashobora kwandika abazokwitaba amatora
Umurwi CENI wahamagaje abashobora kwandika abazokwitaba amatora
mercredi 31 janvier 2018
Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI ryateweko umukono n’umukuru w’umurwi Pierre Claver NDAYICARIYE, intonde z’abakoze igikorwa co kwandika abatoye mu mwaka wa 2010 n’uwa 2015,kandi bashoboye kwandika abantu 110 ku munsi zimanitse ku cicaro c’ishirahamwe CECORES muri quartier ya Kajaga.
Iryo tangazo risaba abo bakoze ico gikorwa co kwandika bakagikora uko vyavuzwe aho hejuru, bashobora guca ahamanitse izo ntonde bakemeza ko bazokora, bakanamenyesha aho bipfuza kugikorera.
Muri iryo kete, umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI usaba abandi bose babishoboye kandi bafise uburambe bwo kwandika bakoresheje imashini nyabwonko, gushikana ifoto y’ikarata karangamuntu, umwidondoro, bakabishira mw’ibahasha bakandikako, ko babirungikiye umukuru w’umurwi CENI, bagashirako kandi inimero ya terefone.
Ikiringo co gushikana ibisabwa, ni kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018.
MUGISHA Van Naris