Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CENI wahamagaje abashobora kwandika abazokwitaba amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wahamagaje abashobora kwandika abazokwitaba amatora

Umurwi CENI wahamagaje abashobora kwandika abazokwitaba amatora

mercredi 31 janvier 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI ryateweko umukono n’umukuru w’umurwi Pierre Claver NDAYICARIYE, intonde z’abakoze igikorwa co kwandika abatoye mu mwaka wa 2010 n’uwa 2015,kandi bashoboye kwandika abantu 110 ku munsi zimanitse ku cicaro c’ishirahamwe CECORES muri quartier ya Kajaga.

Iryo tangazo risaba abo bakoze ico gikorwa co kwandika bakagikora uko vyavuzwe aho hejuru, bashobora guca ahamanitse izo ntonde bakemeza ko bazokora, bakanamenyesha aho bipfuza kugikorera.

Muri iryo kete, umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI usaba abandi bose babishoboye kandi bafise uburambe bwo kwandika bakoresheje imashini nyabwonko, gushikana ifoto y’ikarata karangamuntu, umwidondoro, bakabishira mw’ibahasha bakandikako, ko babirungikiye umukuru w’umurwi CENI, bagashirako kandi inimero ya terefone.

Ikiringo co gushikana ibisabwa, ni kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.