Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Umurwi CENI warukwiye kwongera indwi yo kwiyandikisha’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Umurwi CENI warukwiye kwongera indwi yo kwiyandikisha’’

’’Umurwi CENI warukwiye kwongera indwi yo kwiyandikisha’’

vendredi 16 février 2018

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko ku ruhande rw’abandika abazotora ata kibazo cabonetse kuko ibikoresho bari babifise, ariko ko ikibazo gihagaze ku nkurikizi zaco, kuko hari abatera ubwoba abanyagihugu ngo ntibiyandikishije.

Uwo mushingamateka avuga ko naho bir’ukeo, ashigikiye ariko ko abantu biyandikisha, akemeza ariko ko uwutiyandikishije itoba inyanduruko yo guhohoterwa, kuko ariwe aba yiyatse uburenganzira bwiwe.

Ku kibazo c’abanyeshuri bategerezwa kuba bariyandikishije ariko batabikoze kuko ata karata karangamuntu bafise, Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko abo banyeshuri ari beshi bakwije imyaka 16, ariko kubera ikibazo c’ikarata karangamuntu batashoboye kwiyandikisha.

JPEG - 80.9 ko
Pierre Celestin NDIKUMANA, Umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Pierre Celestin NDIKUMANA asigura ko adatahura ingene umurwi utegura amatora CENI, utategekanije imbere y’igihe, y’igihe ko ikarata iranga umunyeshuri ikoreshwa mu kwiyandikisha.

Mu murwi utegura amatora CENI, mu kiganiro abarongoye uwo murwi batanze ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, bamenyesheje ko ikiringo co kwiyandikisha kitazokwongerezwa.

Umukuru w’umurwi utegura amatora CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko ku buryo bafise, badashobora kurenzako iminsi, kuko uburyo bw’iminsi yoba yongeweko butategekanijwe.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kikazorangira kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.