Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CENI watanguye gutanga amakarata aranga abatora ku mirwi CEPI na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI watanguye gutanga amakarata aranga abatora ku mirwi CEPI na (...)

Umurwi CENI watanguye gutanga amakarata aranga abatora ku mirwi CEPI na CECI

lundi 7 mai 2018

Igikorwa co kwakira ayo makarata bashikirijwe n’abarongoye umurwi wigenga utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, cabaye mu gatondo ko kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 7 Rusama 2018.

Abo bari mu mirwi yigenga itegura amatora ku rwego rw’amakomine n’intara bakiriye kandi intonde bazokwisunga mu gutanga ayo makarata, hamwe n’intonde abazotora bashirako umukono bahejeje gutora ikarata.

Bitegekanijwe ko igikorwa co gutora amakarata aranga abazotora kizotangura kw’igenekerezo rya 9 kirangire kurya 14 Rusama 2018, kandi ko kizobera aho umuntu umwe wese yiyandikishirije kugira azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mw’itangazo ry’umurwi CENI ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama 2018, umurwi CENI umenyesha ko, igikorwa co gutanga amakarata kizoba gihagarikiwe n’abo mu mirwi itegura amatora mu makomine CECI, hamwe n’abari mu mirwi itegura amatora mu ntara CEPI.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.