Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CENI watanze igitigiri c’abitezwe kwitaba amatora y’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI watanze igitigiri c’abitezwe kwitaba amatora y’ibwirizwa (...)

Umurwi CENI watanze igitigiri c’abitezwe kwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro

mardi 8 mai 2018

Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CENI, Prosper NTAHORWAMIYE yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, yavuze ko imyiteguro y’amatora igeze ku rgero rushimishije, kandi ko isango ari ntabanduka.

Umuvugizi w’umurwi CENI amenyesha ko, mu gihe hari abiyandikishije usanga bibagora kwandika canke gushira urukumu imbere y’aho batoye, bashobora gusaba uwubafasha, mu gihe uwo agiye gufasha afise uburenganzira bwo gutora.

Prosper NTAHORWAMIYE avugira umurwi utegura amatora CENI, yavuze ko batazotamba birorera, kuko amashirahamwe 39 adaharanira ivyicaro vya poritike, yamaze kuronka uburenganzira bwo kurorera amatora.

Umuvugizi w’umurwi CENI, yasubiriye kwibutsa kandi abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora, ko amakarata y’uwuzotora azotangura gutangwa kw’igenekerezo rya 9 gusahika kurya 14 Rusama 2018.

Kur’uyu wa mbere, niho umurwi CENI washikiriza abarongoye imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, amakarata y’abatora hamwe imiduga bazokoresha mu gihe c’amatora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.