Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CNDI washikirje icegeranyo ca nyuma
Umurwi CNDI washikirje icegeranyo ca nyuma
vendredi 12 Rusama 2017
Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo murwi , riterwako umukono na Musenyeri Justin NZOYISABA kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama umwaka wa 2017, abarundi benshi babajijwe bavuze ko bikenewe ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rihinyanyurwa, kugira rijane n’ibihe Uburundi burimwo.
Muri iryo tangazo, umurwi CNDI umenyesha ko ico cegeranyo canditswe mu gitabo c’impapuro 86 zirimwo ivyiyumviro vy’abanyagihugu 26000 bafashe ijambo,uruhande runini rwasavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu bitogira aho bigarukira, naho nyene hari abandi bavuze ko gushinga ibiringo vy’umukuru w’igihugu bifasha gutsimbataza intwaro rusangi.
Umurwi CNDI umenyesha ko ibindi vyiyumviro vyashikirijwe n’ababajijwe ari ibijanye n’uguteza imbere ingene abarundi babayeho, biciye mu kurwanya ubukene , kurwiza akazi , kuk iyo ivyo bitahari bituma ata mutekano uba mu gihugu.
Mu kurangiza ,umurwi ujejwe ibiganiro bihuza abarundi CNDI umenyesha ko wizeye ko ico cegeranyo kirimwo amakuru yose akenewe, kandi ko ibirimwo ari ivyavuye mu banyagihugu baserukira imice itandukanye bonyene ubwabo.
Messages
12 Rusama 2017, 17:17, par kazoviyo
Ayo n’amanyanga,ico bakoze bagomvyeg guc’inoti bemerewe,naho ivyo kuvuga ngo babajije abanyagihugu n ububeshi. Gusa ububeshi bwabo nibwakwirikizwa bitebw bitebuke buzosuk’igihugu mu kaga!!
12 Rusama 2017, 19:23, par Kirikou
Haragez Ko Mwicana?
13 Rusama 2017, 21:53, par Elias Mpozamarira
Abashikirije kwikiringo cumukuru wi gihugu, cogira ahokigarukira, abonabashingantahe bijunja.
Ariko abavuga yuko umukuru wi gihugu atokwigera avakubutegetsi! abo ndabatahura cane kuba bavuga uko, abonibamwe bitwa bampema ituzura, ikindi ni nkukuronderera ahokwinyegeza inkozi zibibi, kuko nivyo twagiye turabona kuba kurubibihugu batashimye kuva kubutegetsi niko nubukozi bwibibi bwarwiriye murabobategetsi muguhohotera abenigihugu.
16 Rusama 2017, 14:40, par Kado
Mbega Akaga Ntibahirahr Bakork