Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNDI wongewe ikiringo co gukora
Umurwi CNDI wongewe ikiringo co gukora
jeudi 16 Ruhuhuma 2017
Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro CNDI wongewe ikiringo c’amezi ane kugira ube wahejeje igikorwa co kwumviriza abakorera mu bisata bitandukanye vy’igihugu.
Mu ntumbero yo kubandanya ibikorwa,umurwi CNDI bitegekanijwe ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017 uhura n’abamenyeshamakuru,abanyeshur bo muri kaminuza hamwe n’abakorera mu gisata c’ubutunzi.
Bitegekanijwe kandi ko umurwi CNDI uzoca ubonana n’abashingamateka,abakenguzamateka, abasirikare hamwe n’abapolisi.
Umurwiw’igihugu ujejwe ibiganiro bibera hagati mu gihugu CNDI uzoshikiriza icegeranyo ca nyuma mu mpera z’ukwezi kwa kane ,uyu mwaka wa 2017.
IGIHE
Messages
17 Ruhuhuma 2017, 18:19, par NTIKARAHERA@KARIKUMUTIMA
Umurwi CNDI Reka Ndabakebure Naho Babongeye Ayo Mezi Naho Nyene Nimake.Ico Nobakebura Nici Mbega Ko Mudatumira Impunzi Canke Mukazisanga Mu Nkambi.Erega Nazo Zirafise Ijambo Ryoshikiriza Ryotuma Bahunguka.Reta Yemeye Ivyo Impunzi Zashikirije Ataruko Ico Cegeranyo Ntikizoba Gikwiye Ibizovamwo Ntibizoba Vyemewe Na Bose.Ok Ni Mwirambire