Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Umurwi Diaspora Band watunganije igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze (...)
Umurwi Diaspora Band watunganije igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze uvutse
vendredi 23 Ruheshi 2017
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Butoyi NAMUTO batazira Afande ROMEO arongoye umurwi Diaspora Band yamenyesheje ko umurwi arongoye wihaye intumbero yo guhindura imyifato y’urwaruka biciye mu ndirimbo.
Afande ROMEO arongoye Diaspora Band avuga ko muri iyo sabukuru indirimbo zibiri ziswe : “ Ruditena “ na “ Kidali “ arizo zizoshirwa ahabona.
Afande ROMEO amenyesha ko umugwi wabo witaho umuziki wo ku mugabane wa Afrika, na cane cane umuziki benshi bita “ Lumba ” ukundwa cane mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo .
Igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze umugwi wa Diaspora Band ushinzwe kizobera kuri TREIBEKA “ muri quartier ya Carama, kwinjira akaba ari ibihumbi 3, hamwe n’ibihumbi 5 mu kibanza c’iteka.
Umutumire w’iteka azoba ari umuririmvyi Thompson .
BIKORIMANA Vianney