Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi MUSONGATI FC ushobora gufatirwa ibihano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi MUSONGATI FC ushobora gufatirwa ibihano

Umurwi MUSONGATI FC ushobora gufatirwa ibihano

jeudi 26 Nzero 2017

Umurwi MUSONGATI FC ukina mu cicaro ca mbere uva mu ntara ya Gitega,uragabishwa ko ushobora guhanwa mu gihe abakunzi bawo bosubira kwigenza nabi mu nkino zihuza uwo murwi n’iyindi mirwi yo mu cicaro ca mbere.

Umurwi washinzwe kugira amatohoza umenyesha ko ,inyanduruko ya vyose ari urukino rwahuje umurwi wa MUSONGATI FC na OLYMPIC STAR w’i Muyinga kw’igenekerezo rya 14 Nzero umwaka wa 2017,igihe ku munota wa 84 w’urukino umwana ari mu batora imipira yasohotse yinjiye mu gice c’ikibuga gikiniramwo umurwi OLYMPIC STAR umunyezamu wawo aca aramukubita aramubabaza.

Umuhagarikizi amaze kumuha ikarata itukura, abashigikiye umurwi MUSONGATI FC bashatse kwinjira mu kibuga ngo bakure uburozi mw’izamu ry’umurwi wa OLYMPIC STAR ivyatumye urukino ruhagarara iminota 16, abakinyi ba OLYMPIC STAR banse gukina abarorerezi batavuye inyuma y’izamu ryabo.

Umurwi ujejwe amatohoza umenyesha kandi ko ibintu nkivyo vyabaye kw’igenekerezo rya 18 Nzero umwaka wa 2017, igihe umurwi wa MUSONGATI FC wahura n’umurwi wa LLB-S4A aho abakunzi ba MUSONGATI FC banse ingingo y’umuhagarikizi, inyuma y’urukino baca binjira mu kibuga.

Umuhagarikizi yakuwe mu kibuga n’abajejwe umutekano bari kumwe n’abayobozi mu gisata c’umupira w’amaguru mu Burundi.

Amategeko avuga iki?

Ingingo ya 18 agace ka 5 mw’itegeko rigenga indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, kavuga ko umurwi ariwo wishura ku nyifato mbi y’abakunzi bawo.

Umurwi w’amatohoza umenyesha ko umurwi wa MUSONGATI FC ugabishijwe ko usubiye kurwa mw’ikosa nk’iryo uzohanishwa gukina ata barorerezi baje kuwushigikira ku kibuga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.